Umukinyi w’Umurundi Hussein Shabani Tchabalala yaraye afashije As Kigali kunganya na Sunrise Fc.
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante 2023 , niho umurwi As Kigali wari wakiriye umurwi Sunrise mu rukino rw’indwi igira 20 rw’ihiganwa ryo mu Rwanda ( Primus National League). Urwo rukino rwarangiye iyo migwi yose inganije ibitsindo 2-2 .
lgitsindo ca kabiri ca As Kigali cinjijwe na Hussein Shabani Tchabalala ku munota wa 62 w’urukino .
Mwomenyako Hussein Shabani Tchabalala yaciye akwiza ibitsindo 13 mw’ihiganwa rikuru ryo mu gihigu c’urwanda.