Umurwi Bujumbura City uhambije Vital’o Fc mu Kayanza .
Amakuru Indundi Sports yaronse n’uko umurwi wegukira igisagara ca Bujumbura , Bujumbura City ugiye kuza urakirira inkino zawo mu ntara ya Kayanza ku kibuga Gatwaro .
Ayo makuru akaba yemezwa n’umenyereza wa Bujumbura City Alain Olivier Niyungeko batazira Mutombola .
Umurwi Bujumbura City wahora wakira inkino zawo mu Ntara ya Cibitoke ku kibuga Urunani i Buganda .
Mwomenya ko Bujumbura City uri mu kibanza ca 14 muri Primus league n’amanota 16.