Entertainmenthomepagekirundi

Drama T ngo Uburayi ni intango s’iherezo

Uburayi ngo n’intango s’iherezo, ivyo n’ivyo biheruka gushikirizwa na Drama T mu kiyago aheruka kugirana na Juste Gael.

 

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuze ko abantu bavuga ayamuhe kubera urugendo rwiwe rwo kuja ku ku mugabane w’uburayi, ngo boshaka bohora.

 

Naho hagize imisi impuha ko uwo muririmvyi co kimwe na bagenziwe b’abarundi bamaze kuvugwa ko bateguriwe ibiteramo i Burayi, bashobora kutazojayo kubera ama Visa, uwo muririmvyi yabahumurije ko gahunda afise iy’itariki 29/2, Kandi ngo ayironka atayironka, s’ikibazo kuko atariryo herezo ahubwo ari intango.

Drama T Kandi yavuze ko igiteramo afise muri ico gihugu, afise icizere ko kizoba ciza gusumba, kubera ama Message afise.

Uwo muririmvyi yavuze kandi ko abantu amaze kuronka bamwandikira kubera ico giteramo ngo ari umurengera, none ngo nta bwoba afise. Yongerako ko inzira ya Serbie ishobora kumubera umugisha.

Drama T akaba ayitezwe I Buruseri mu mpera z’ukwezi Kwa 5, aho azokorerayo igiteramo kwa gusa. Akaba ata wuzi ko azoca abandanya no mu bindi bihugu canke azoca atahuka.

Muri ukwo kwezi nyene, Kidum akaba ashobora kuzoba nawe ari muri ico gihugu, aho nawe azohakorera kimwe mu ruhererekane rw’ibiteramo afise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 341