Uburyohe bw’inkurikirane ntonto bwamaze kuryoha none zibandanya zitegurwa ku bwinshi.
Inyuma ya EP yaheruka gusohora, Alvin Smith yavuze ko iyindi iri mu nzira. Ivyo uwo muririmvyi yabishikirije akoresheje imbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.
Alvin ntiyavuze ryari iyo EP izobonekera, ntiyavuze n’indirimbo zizobonekamwo uko zingana, ariko zimwe muri izo ndirimbo zizoboneka zikaba zishobora kuzoba zakorewe muri Kuza Muziki kuko ama FOTO y’ivugwa ry’iyo EP yafatiwe muri iyo nzu y’ubuhinyanyuzi.
EP iheruka, Alvin Smith yari yikoze ku bigeme cane, kuko muri iyo EP, habonetsemwo abaririmvyi nka Channy Queen, Mow kanzie, Esther Nish n’abandi. Nta wuzi rero ko n’ubu uwo muririmvyi azokwikora ku bigeme canke azovanga, canke azokorana n’abagabo gusa.
Iyo EP ikaba izoba ibaye iya 2 asohoye, iyaheruka ikaba yari yahawe akazina ka Party Love, ikaba imaze kurabwa akatari gake, kuko nko Kuri Boomplay iyo EP imaze kurabwa incuro 22,000.
Hampande ya Alvin Smith yasohoye iyo Party Love mu mwaka uheze, abandi baririmvyi batari bake bakaba batareka gushira ahabona ama EP atandukamye, abaheruka hakaba harimwo Chany Queen n’iyo yise Color, hamwe na D One na EP yise Doctor Love.