abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Abaye umukinyi wa Aigle Noir Cs agiye gukina muri Turquie

Nkurunziza Yannick batazira Mkude yashize umukono ku masezerano yo gukinira umurwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Turquie witwa Antalyaspor.

Uwo mukinyi yari ameze amezi ari mw’igeragezwa muri uwo murwi , bikaba vyarangiye ashize umukono ku masezerano yo gukinira  Antalyaspor mu kiringo c’imyaka 4 ni ukuvuga gushika mu mwaka wa 2027.

 

Yannick akaba ahambije abandi bakinyi bakinanye muri Aigle Noir Cs nka Irakoze Piclaire hamwe Nshimirimana Jospin .

Mwomenyako uwo mukinyi  akina hagati mu kibuga cane cane ku numero 6.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 186