Uncategorized

Urwevu| Ibinyegezwa bijanye n’umusi wa kane.

 

isanamu ngereranyo y’umuntu ariko yiyumvira

Nk’uko tubitohoza tukabisanga mu bashakashatsi banyuranye, burya ngo buri musi wose urafise inguvu uba wisangije.( Vibrations ). Aha twokwibukanya ko mu vyo Imana yemereye abana bayo kwari uko bobayeho mu kanyamuneza , akanyamuneza kamaho. Ibi tubisanga muri Isaya 61 akarongo ka 7.

Aho Imana yategekanirije abana bayo niho twokwita rero aho isi y’isezerano. Iyo si y’isezerano ihari mu buryo bw’impwemu, ni ahantu  Imana ishira Umushaha w’umuntu maze agaheza agaca yumva afise akanyamuneza,mu  buryo atawoshobora gusobanura akoresheje ubu bwenge bwacu runtu.(intellect)

Mwihweje neza Igisabisha Umwami Yezu Christu yadusigiye, muraheza mugasanga ivyo dusaba biba bifatiye ku musi umwe gusa. ” Uduhe ivyukurya bidukwiye uwu musi”( Mwovyisomera muri Matayo 6:9-13).

Eka mbere , Yezu Christu , muri ico kigabane nyene ca 6:34 , arongera akanaduhanura ko tutoterwa umutima uhagaze n’uko tuzobaha ejo haza.

Ibi rero uvyihweje uca ubona neza ko intambara turwana ari intambara ya buri musi ku musi. Ni ku rugero rw’umusi ku musi nyene, Umwansi wacu, umwansi wa kiremwa Muntu, ariwe shetani aheza akadutegerera.

Muti none adutera ate?

Ukudutera kandi akatugema n’uko wewe asanzwe azi ivyacu nka vyose, ivyari bitugenewe,kenshi mbere na twebwe bene vyo tutaba tunazi. Mu kiringo rero tweho tuba tugendagenda nk’abatabona, araheza akatuzimiza, akatwosha gufata ingingo zitujana guhagarara ku misozi yiwe, iyo azi ko abakozi biwe baba bafoye imiheto, bashize n’imyampi mu ruge (Ni murabe zaburi 11 niyo ivuga uko), gutyo utiriganye na gato bakakurasa giturumbuka, umusi wose ugaca uhera wijiriwe.

Ivyo abigira kuko azi ko, ahari amahoro n’umunezero ari ku Misozi y’Imana gusa, Imisozi myeranda, imisozi ya Siyoni. Kuri iyo misozi ya Siyoni , imisozi y’Imana , niho hari kandi inkomezi, eka n’ibindi vyose biza bwa rufatangane   biciye muri rya shusho ry’ubamana  yaturemana.

Muti none uwu musi wa Kane , Imana yari idufiye iki, iyo ataba inzitizi ziva  mu mwiza? 

Nk’uko nari natanguye mvuga, uwu musi wa kane , ni Umusi , Abamalayika b’Imana baheza bakadushiramwo inema y’ugukenguruka. Ukwo gukenguruka rero kuraheza kugatuma umuntu wese nyabuna yihutira gukubita agatima mpembero ku vyo asanzwe afise maze akumva arabinezererewe.

Ico gishogisho c’ukunezerererwa ivyo ufise,  iyo gihejeje rero kuza  kuba mu mutima wa muntu, kiraheza kigaca kiba  nk’umuhora, aho , utwunyunyu tujejwe gutanga akanyamuneza  mu bwonko duca tuja ku kivi, maze akanyamuneza ( Kadasiguritse mu bwenge runtu) kagaheza kagashororonga,umuntu agaca yumva aguwe neza, agasanga mbere ariko ararimba uturirimbo atari yategekanije, kuko, mu buryo bw’impwemu , aba ahagaze mu ngoro  abaririmvyi barimwo.

N’ayo iyo watewe na Shetani, araheza akaguhuma amaso, n’ivyo ufise , mbere kumbure benshi banaririra, weho ukabiraba irarirari, maze ugasanga umuntu agumana imyidogo n’iminihiro, akamana  umwavyi mu maso, akama anyinyiriwe, maze akazohava  aruhira kuzogubwa neza n’ibitagira mvura , agaheza akazoguma muri ivyo nyene, akazohava atahira iyo nyene.

Nya vyayo biba vyaramuhindukije amaso, bikamutera urukebu,  bikayarabisha mu bigega bigaragara nayo ibibogaboga vyovyo ntaheze ngo abice  n’ikanda. N’isazi igurutse iraheza ikamutera iminihiro.

Muti none twogira iki? 

None ico kibazo ga mworinda kukimbaza gute ? Iyo umuntu amenye ivyari bimugenewe yamara akabona ntavyo afise none yogira ukundi gute atari ukuvyishuza? Vyinshi ni ivyo tutishuza kuko tutazi ko tubifise.

Muri Bibiliya nyeranda , mu gitabo Oseya 4:6 niho  nabonye handitse ko, abantu b’Imana bahona kubera ukutamenya. Ni ngaha nyene muri uku kuri , kuri muri Bibiliya nahejeje ngaca nkura iciyumviro c’ukwandika ibi nise ”Urwevu”. Gende murabe muri Isaya 42:22 murasanga havuga ko hari ivyo twanyazwe urukombamazi yamara ata n’umumwe yonahaguruka ngo agire ati ”subiza”.

Shikiriza imuburano zawe Imana. 

Duhiriwe duhishije na narirya Imana( Kandi ibi ibihererwe icubahiro) yaturungikiye ijambo kugira ngo idukize , icobo ( Nimuvyisomere muri Zaburi 107:20).

1. Twishimikije ijambo riri muri yakobo 4:3 aho havurwa ko dusaba ntituronke kuko kanatsinda tunasaba na nabi,  twasanze  ko , Izaburi ya 43 ariyo zaburi twahawe n’Imana kugira dushobore gukoresha ku musi wa kane; mu kiringo twoba twumva vy’ukuri hari agahaze mu bihereho yacu , na canecane dufatiye ku musezerano y’ukwama mu munezero , Imana yadusezeraniye. Iyo zaburi yitore uyisome , wongere uyisubire, ku musi wa kane,  gushika ikunyurira mu bwonko.  Igufasha ukubwira Shetani uti : Ndakwishituye!

2. Twishimikije ijambo twahawe n’Umwami wacu Yezu Christu, yatanze muri Mariko 11:24, aho avuga ati, igihe nyene uhejeje gusaba, ca ufata ko wamaze kwishurwa, turaheza tugasanga , izaburi ya 98, ariyo zaburi y’ugukuzirikana ku musi wa kane; eka mbere hakaba hari n’abantu bashakashatsi babishikiriza dufatiye kuvyo twarondeye kumenya.

Mu kiringo muzoba muriko mukoresha izo zaburi, muzoheza mwumve ko ; iyo ya 43 ari ugusaba , hama iya 98 nayo ar’iyo ukoresha nk’uwamaze kwishurwa nk’uko tubisabwa n’ Umwami Yezu Christu muri Mariko 11:24.  Izaburi ya 98 , igufasha kubwira Shetani uti: ”Carangiye”!

Menya rero kandi uze wame uzirikana ko umusi wa kane, ari umusi w’ukubohoka, maze uheze ushire inguvu nyinshi ku masengesho asaba ukubohoka, ukuva mu buroko, iyo wabohewe. Izo zaburi wazivuga ukazizirikana , nk’uwutegura inzira, maze ugaca wongerako igisabisho naco uheza ugakoresha izina rikomeye gusumba ayandi yose rya Yezu Christu( Nimuvyisomere mw’ikete ryandikiwe philippo 2:9). Uzoheza ubandanye ubikora gutyo imisi yose ya kane, maze gushika aho uzobona ihinduka, ibitari bike mu buzima bihinduke. Ugusba ni ukwamizako.

Iciyumviro c’ukuzirikana:

Nk’uko tubisanga mu gitabo canditswe n’uwitwa Mohammed sanogo citwa ” 12 Portes d’infleunce pour transformer une nation ”Igihe kirageze, kandi kiraje, aho Imana igiye  guha ukuri Umuntu wese yitoreye itarinzi kuraba bino canke biriya twari dusanzwe tuzi .

UMWANSI WA “BUMENYI”   YITWA ” NDABIZI”! 

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 29