Moses benshi bamenye nka Mosions kubera inzu ishona impuzu zitandukanye yashinze noneho ayita uko nyene, Moshions, yakirijwe induru n’abatari bake mu barundi babashije kugira ico bashikiriza kw’ifoto yasangijwe abatari bake.
Uwo Mugabo yaheruka kuvugisha benshi kubera amashusho y’urukozasoni yaheruka gusangiza abamukurikirana, ngo ari hano iwacu aho ari mu bikorwa bitabashije kumenyekana neza, ariko akaba ashobora kuba aje gutanguza naho inzu nkiyo asanzwe afise mu Rwanda.
Uwo muzo wiwe wavuzwe cane kubera ishusho ari gusa yakwirakwijwe hirya no hino, kuri iryo shusho akaba aboneka ko afise idarapo ry’Uburundi, ariko akaba atarivyo,kuko iryo shusho rimaze imisi.
Uwo Mugabo ataraganira n’ibinyamakuru vya hano iwacu, yatewe ivyatsi bikomeye n’abandi batandukanye, aho babona iyo FOTO Kuri Instagram y’umunyarusaku akunzwe mu Rwanda ariwe The Cat.
Mu bagize ico bavuga Kuri iryo shusho abatari bake bamubwiye ko yokwubaha iryo darapo, kuko abarundi n’abo baryubaha, ngo atar’uko naho ashobora kwisanga mu gasho.
Abandi nabo bamuhanuye gukinisha amadarapo y’ikindi gihugu, ngo iryo aryihoze. ntivyagarukiye ngaho gusa kuko Mose bavuze ko ashobora kuba yasaze.
Ntitwabashije kubona ku rubuga rwiwe rwa Instagram iyo foto, ariko hakaba hari abahanahanye ama Screenshoot y’iyo Poste bishoboka ko yaciye afuta n’ingoga imbere Yuko abantu benshi bayivugako.
Uwo Mugabo akaba aje gukorera hano iwacu inyuma yaho mu gihugu kibanyi c’Urwanda bamwe berekaniye ugushaka ko impuzu z’uwo musore azwiko kuba umutinganyi zohagarikwa, bishobotse zigaturirwa.
Uwo Mugabo akaba yaheruka mu gihugu c’Ubutariyano, aho ngo yari mu bikorwa vy’ubushakashatsi nkuko yabiyagiye bimwe mu binyamakuru bagamiriye, ari naho hafatiwe iryo shusho ryavugishije benshi.