abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports|Muyenge Alexandre ibi nivyo yungutse mu mubonano na Gianni Infantino i Paris mu Bufaransa

Gén de Bgde de Police Muyenge Muyenge Alexandre yakirwa na Gianni Infanino .

Kuri uyu wa mbere  igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2023 , niho uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB ) Géneral de Brigade de Police Muyenge Alexandre yakiriwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi ( FIFA) Gianni Infantino .

Muvyari vyajanye uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Muyenge Alexandre mu bufaransa ni ukwitabira ibirori vyo gutanga ubushimwe bwa Bestfifafootballaward vyaraye bibereye mu bufaransa no kuyaga kuvyerekeye iyongerwa ry’imfashanyo yatanzwe na FIFA Forward y’iterambere ry’umupira w’amaguru wo mu Burundi hamwe na Africa yose .

Muri uwo mubonano wahuje uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Muyenge Alexandre hamwe na Gianni Infanino arongoye (FIFA )barayaze ibintu bitandukanye vyotuma umupira w’amaguru wo mu burundi utera imbere .

-Aho twovuga nko guteza imbere impano z’abana bakiri bato hamwe no kuraba ingene inkino z’abigeme zotera imbere kugira umwe umwe wese ahabwe ikibanza .

– Kuronswa ibikoresho vya nkenerwa kugira izo nkino zikinwe

Infantino nawe yahavuye afata ijambo mu kivuga  ati:’’ Wari umunezero munini cane wo kuyaga hamwe na Muyenge Alexandre . Alexandre yitanze mu guteza imbere umupira w’amaguru , aranashimishwa no kubona imigenderanire y’ishirahamwe ryiwe na FIFA ari myiza.”

Muyenge akaba yemeye ko imfashanyo izotangwa na FIFA Forward azoyikoresha neza .

Iyo Ndongozi ya FIFA ikaba yaronse akaryo ko gukeza  Muyenge Alexandre ku bikorwa vyiwe, Gianni akaba anifuza kwagura imigenderanire na FFB mu myaka iri mbere .

Muyenge Alexandre nawe yahavuye afata ijambo kamdi mu gushimira uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA Gianni Infantino kubona yerekana ko afise ishaka ryo guteza imbere umupira w’amaguru mu bihugu bitandukanye harimwo na Africa yose .

Mu gusozera Muyenge Alexandre akaba yagize ati :’’ Reka nshimire FIFA na FIFA Forward Programme kubera nzi ko ama shirahamwe menshi yo muri Africa ata mfashanyo nkiyo vyogorana ko dushika kuvyipfuzo vyacu .

‘’ Urwaruka ni vyose mu mupira w’amaguru , twavuganye ingene twoteza imbere umupira w’amaguru mu kurondera impano z’abakinyi bacu b’abarundi kugira bashobore gushika kw’isi nzima.”

Mwomenya ko atari ubwa mbere uwo arongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Muyenge Alexandre ahuye n’uwurongoye FIFA Gianni infantino ariko bakaba batari bwayage umwanya ukwiye .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 186