BurundiEntertainmenthomepage

Yoba ari collabo ya Big Fizzo na Kingorongoro?

Umwanya n’umwanya Umuririmvyi Kingorongoro ashobora gusohora Indirimbo nshasha.

Iyo ndirimbo ikaba yavuzwe n’umuririmvyi Mugani Desire muri kino gihe abarizwa mu gihugu c’Ubufaransa, aho yagira comment Kuri imwe muma Post Kuri Facebook.

 

Uwo muririmvyi akaba yibukije Umuririmvyi Kingorongoro ko yoraba agasohora iyo ndirimbo, bishoboka ko asanzwe ayizi iyadiyo.

Naho atakiravugwa, bishoboka ko iyo ndirimbo ishobora kuba ari Collabo y’abo baririmvyi uko ari 2.

Igituma ni uko hagize imisi haboneka ko Kingorongoro agize imisi asa n’uwerekana Big Fizzo cane ku mbuga ngurukanabumenyi, no Kuri Profile Yiwe ya Whatsapp akaba ariwe ariko.

Uwo mukenyuro wo kwerekana Uwundi muririmvyi cane, ukaba ariwo abandi batari bake bahora bakoresha kugira berekane ibiri inyuma, ku basanzwe Bazi gusoma ibimenyetso.

Biramutse rero bibaye arivyo, ntawubizi, ariko bishoboka ko uwo muririmvyi Kingorongoro ashobora kuba azoba agiye kwifatira mu gahanga mugenziwe B Face bari bagize imisi umengo ntibavuga rumwe.

Nayo Big Fizzo we bisanzwe bizwi ko aririmvye Hip Hop haba hariho umuntu kanaka aba agira avugwe Kandi aba amubitse igihe kitari gito.

Nimba azoba ari Hip Hop, iyo ndirimbo ikaba izoba ije kumara inyota abakunzi ba Mugani Desire basanzwe bafise kubera bari bagize igihe kitari gito bamwishuza Indirimbo zo muri uwo mudiho.

Iya Big Fizzo yo muri uwo mudiho yari yemewe ikaba itaraboneka, ikaba ikirindiriwe, kuko Manager Stein yari yayihagaritse Kandi bishoboka ko n’ubu atarayireka ngo isohoke, kuko yavuga ko igihe cayo kitaragera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 322