Entertainmentkirundi

Fabilove kw’ishavu ryinshi ngo hari TV online atazoha ikiganiro

Fabilove n’umuririmvyi w’umu rapeur benshi bashingira intahe ko afise ubwitonzi butajanye n’umudiho akora.

Igiteramo cari categuwe n’abanyarwanda mu Burundi ahitwa kuri word Beach carimwo abarapeur gusa, kuba batari barashizemwo Fabilove kuri afiche bari basohoye ubwambere vyatumye abakunzi ba Rap basaba ko yoboneka muri ico giteramo ubundiho ngo bobabihenze, ntibwakeye kabiri yaciye ashirwa kuriyo afiche
.
Ico giteramo cagenze neza bimwe bamushingira intahe ngo uretse ko yavyifashemwo neza no mu nyambaro ngo yari aberewe nubwo bitabonywe kumwe na bose.

Mu majambo akaze Fabilove yanditse agira

ati:”kubera KO twabwiwe KO atabushobozi n’amafranga dufise yo kwitwarira abaturenganije ,reka tuvyemange Ko atavyo dufise , gusa ndazi KO ubutungane bw’ukuri buhari budasaba ivyo mwatubwiye,turemeye no kwiha igihano c’inyongera co kudasubira gukora ikiganiro na kimwe kuri Issac Tv gushika igihe bazodutumbererako bakemera icaha badukoreye .Turazi ko ishobora kuba ari intsinzi kuri gahunda yanyu mudufitiye ariko nanje sinogwana namwe kuko murakaze cane reka nemere nduze ibiganza ibisigaye,reka twibandanirize na gahunda zacu nimba nazo zizobarwa neza.”

Ikibazo duca twibaza mbega hagati yabo harakeneye umuhuza?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 274