Intumwa ya FIFA Benjamin Veenbrink akaba n’umuhinga mu bijanye n’inyubako , aherekejwe n’uwurongoye ibiro vya #FIFA mu karere bari murugendo rw’imisi itatu mu Burundi .
Abo bahinga bakaba baje mu ntumbero yo gukurikiranira hagufi ibikorwa vyo gusanura ikibuga #Intwari hakurikijwe amategeko y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA .
Abo bashitsi bakaba bagendeye ico kibuga citiriwe Intwari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 01 Ntwarante 2023 , aho bashoboye kwakirwa na Mustapha Samugabo icegera ca kabiri c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB .
Mwomenya ko abarundi batari bake bamaze imisi bafise ubwoba bw’uko ico kibuga gishobora kutemerwa na FIFA bivanye n’uko mu misi heze hugawe ibibuga bimwe bimwe vyari vyasubiwemwo harimo ico mu Rwanda hamwe na Congo RDC.