AMB(Amicales des musiciens) Ishirahamwe ry’abaririmvyi ba hano iwacu.
Nubwo ari ishirahamwe ry’abaririmvyi si bose bamaze gutahura akamaro ribafitiye, ariko bisa nibigiye kuba ngombwa KO umuririmvyi abwirizwa kuba arimwo.
Imyidogo ntibura hirya no hino bamwe ngo ntibabona akamaro kokuba mw’ishirahamwe, bigatuma benshi badashobora nogutanga intererano zisabwa .
Iryo shirahamwe rirongowe na Ndayishimiye Bright n’icegera ciwe Kimana Edith batorewe imyaka 5.
Bakaba bamaze Umwaka umwe baramutswa ayo mabanga ,mu vyo bamaze gukora harimwo guhimiriza abaririmvyi kw’itwarararika kuboneka mu bikorwa vy’igihugu.
Kukaba nkako ubu umuririmvyi kugira yoroherwe kuronka Visa biba ngombwa abe afise uruhusha yahawe n’ishirahamwe ry’abaririmvyi ku bw’ivyo umuririmvyi wese bisaba ko abari muri iryo shirahamwe.
Mu makuru dufise ngo Nuko igenekerezo rya 4 Ntwarante 2023 abaririmvyi bahurikiye muri iryo shirahamwe bazoja gufasha kw’ubaka ikibuga c’umupira w’amaguru citiriwe Intwari, bakazoba bitwaje n’isima y’intererano.
Musomyi mwiza wewe ubona ari akamaro akahe k’umuririmvyi ari mw’ishirahamwe?