Ugukwiza Views 1,000,000 ngo n’ikintu gisanzwe, ico nico giheruka gushikirizwa na Yassin umwe muba Promoter barabwira hafi ivya Big Fizzo.
Muri ubwo butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, yavuze ko yipfuza gukora canke gu crea group ya Whatsapp ku Bantu bumva kumwe ko Indirimbo ya Big Fizzo Ndabizi ikwiye kuronka Views 1,000,000.
Iyo ikaba ndirimbo ikaba ubu igeze Kuri Views 200,000 mu kiringo c’amezi arenga 2 ishize ahabona.
Big Fizzo akaba hampande yo kuba amaze imisi ari muri zuguruzuguru Kuri YouTube kubera Indirimbo ziwe zikurwako noneho zigasubizwako mu nyuma zigatakaza ama Views atari make ziba zari zimaze imisi zironka, muri izo ndirimbo zose nta n’imwe irabasha gukwiza Views 1,000,000 Kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube.
Ivy’ukwo gushaka gukwiza Views 1,000,000 kw’indirimbo Ndabizi, bikaba bivuzwe inyuma yaho Kirikou Akili nawe abwiriye abafana biwe Kuri Instagram ko Indirimbo inzoga n’ibebi niyakwiza Views 1,000,000 azoca asohora iyindi ndirimbo.
Abana batatu barezwe na Big Fizzo, Drama T, Kirikou Akili na Double Jay, bose bafise Indirimbo zitari nke zimaze gukwiza ama Views Umuliyoni naho bamwe muribo bagirizwa kuzigura.
Ubu rero tukibaza nimba na Big Fizzo nawe bagira bamwinjize muri iryo higanwa ry’ama Views rigize imisi rigisibije, kuko we akatari gake ahora avuga ko azohora agenda gahoro gahoro Kuri YouTube.