Umurwi wa Amical des Sportifs de Bujumbura ( ASB ) mu bahungu hamwe n’umurwi wa Muzinga ku ruhande rw’abakobwa niyo mirwi yaraye itahukanye ibikombe vy’ihiganwa ryo gutanguza umwaka w’inkino wa 2022-2023 ryari ryatunganijwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Volleyball mu Burundi .
Umurwi ASB waraye wanditse amateka mu gutsinda Rukinzo yari imaze igihe kitari gito yigaruriye ibikombe vyose vyahora bikinirwa ku butaka bw’Uburundi. ASB yatsinze Rukinzo Iseti 3 kuri 1 . Nayo ku ruhande rw’abigeme umurwi wa Muzinga watsinze Panthers iseti 3 kuri 1.
Mwomenya ko imirwi ya mbere mu bahungu no mu bakobwa yaronse ibahasha y’ibihumbi amajana atanu ( 500.000 Fb) mugihe imirwi yabaye iya kabiri mu bahungu no mu bakobwa yaronse ibihumbi amajana abiri abiri na mirongo itanu ( 250.000 Fb) hatangwa n’imipira ku mirwi y’abakobwa yitabiriye ihiganwa ry’igihugu rya Volleyball mu mwaka uheze , hatangwa kandi imipira kuri Associations Provincial yitabiriye iryo higanwa ry’igihugu .