Kigingi yitanze umusi, akora aka Video kagaruka ku nyifato abagore bitwaramwo ku musi mpuzamakungu wabahariwe, none yasanze akoze aho abagabo batari bake bagwaye, ariko nawe ahabwa gasopo ko atavuze make, bamuraza hanze.
Mu gihe hasigaye imisi iharurwa ku ntoke ngo isi ihimbaze umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi wama uhimbazwa igenekerezo rya 8/3, Kigingi ntiyaretse kubakebura mu buryo bahimbazamwo uwo musi wabahariwe.
Akoresheje aka Video yasavye abakenyezi ko bakwiye guhagarika kugenda barasotorana, kuko uwo musi abagabo baramaze kwakira ko wahariwe abakenyezi.
Muri iyo Video Kigingi yasavye abagore guhagarika kugenda barizungagiza mw’ibarabara, bagenda bashaka ko abarengana bose babona, ngo ivyo bintu ni bihagarare.
Kigingi s’irya mbere akina ahanura abakenyezi, rimwe na rimwe akaba anakina yambaye nkabo, aho ni nk’igihe akina yerekana uko abagore bamwe bamwe bahohotera abagabo babo.
Kigingi rero ntiyaretse nawe gukeburwa n’ababashije kubona ako ka Video, aho bamwe bamubwiye ko yoraba akavuga make, kuko ubu atari nka nkera akiri umusore, ngo ubu afise uwo barikumwe mu nzu.
Uwo bise Mama Leki, nkuko akunze nawe nyene kumwita ni Marina umutambukanyi wiwe. Kigingi rero bamubwiye ko niyaraba nabi, ngo bamuraza hanze ata kabuza.
Abandi nabo nyene bakaba bavuze ko ivyo bintu abagore bobihagarika, vy’ukuri ngo ntibiryoshe, nkuko babishikirije. Ubwo rero bikaba biboneka ko ico Kigingi yavuze bwa bundi kiraje ishinga abatari bake.
Umviriza uko Kigingi yagakinye
👇👇👇
https://www.instagram.com/reel/CpcXRa-oAQi/?igshid=ZWU2MTYxZTY=