Abavuze ngo ku macuniro ntihabura isazi ntibabeshe, kuko Drama T mu gihe we yariko yinjiza ama Miliyoni biciye Kuri YouTube yiwe, abandi bo bari mu nsaku ngo izo Views ziwe sizo n’izo yaguze. None inyungu ntiyabonetse Kuri ya Ndirimbo ITamporize gusa n’izindi zashikiriwe.
Mu gihe bamwe bigumiye mu nduru ko Drama T ata kindi ariko arakora atari ukugura Views, urubuga rwiwe rwa YouTube rwo kuva ku musi wa gatanu igenekerezo rya 3/3 isaha cumi na zibiri z’umugoroba asohora iyo ndirimbo, rubandanya rukomera gusumba.
Nkuko twabashije kubibona muri iyo misi 2, iyo ndirimbo yari irindiriwe yashoboye kurabwa incuro zirenga 250,000, yunguka ama Subscribe bashasha baba 10,000, nayo Cash zo ntuvuge kuko ashobora kuba amaze gukorera ayababa 7,000,000 z’amafaranga ya hano iwacu.
Hampande y’iyo ndirimbo yabashije kuronka izo Views, n’izindi zarabashije kugira ico zironka nka Views Kuri urwo rubuga rwiwe.
Ya ndirimbo Madam yakwije Views Imiliyoni 3 mu mezi 5 gusa isohotse, nayo yarabashije gutera iyindi ntambwe Kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube, kuko ubu isigaje Views ziharurwa ku ntoke ngo ikwize Imiliyoni 4 zizoba ziyigize.
Indirimbo ishobora kuba ari iya mbere mu burundi ikwije izo Views muri uwo mwanya.
Muri iyo misi 2, iyo ndirimbo ikaba yabashije nayo kwunguka Views zirenga 39,000, kuko ku musi wa gatanu yarifise 3,954,510 nayo mu masaha 48 gusa ikaba igeze kuri 3,993,103. Nukuvuga ko iyo ndirimbo isigaje views ziri musi 7,000 kugira ikwize za Views 4,000,000.
Uwo muririmvyi akaba ashobora guhimbaza kuba abaye uwa mbere aronse izo Miliyoni 4 z’ama Views mu mwanya muto, Kandi anakwije Views 300,000 mu masaha 72 Indirimbo isohotse.
Aha mukamenya ko inkuru nziza Kuri Drama T zitareka kuboneka kuko uwo muririmvyi arindiriwe mu gihugi c’Ububirigi naho hataramenyekana ko uwo muririmvyi yoba yararonse VISA, ariko akaba mu kiganiro aheruka guha Juste Gael yavuze ko naho atogenda, ngo ububirigi butazoba bubaye iherezo, ahubwo n’intango y’urugendo rurerure.