Mu gihe Ishirahamwe ry’abaririmvyi riguma rihamagarira abaririmvyi kuja kw’iyandikisha kugira bagire aho babarizwa nk’abaririmvyi no mukugira ico basavye Reta baze bagisabire hamwe, Alvin ntatahura ako kamo cokimwe n’abandi baririmvyi. Ariko ngo nubwo bigoye gutahura ubu bigiye kw’ivanga n’ivya Visa ngo bigiye kuborohera gutahura.
Icegera c’uwusanzwe arongoye amicales des musiciens Kimana Edith yacishije ku mbuga ngurukana bumenyi ahamagarira abaririmvyi kw’iyandikisha muri iryo shirahamwe ngo bizobafasha aho baja hose berekanye ibibaranga baheza bakabakingurira inzira bitagoranye.
Alvin wewe ntibavyumva kumwe yanditse agira ati:”iyo amicale des musiciens yabo itumariyiki abaririmvyi b’abarundi iyi myaka yose ku buryo twoja kw’iyandikisha?? Bonyene ntaco ibamariye ndetse kukitumarira twebwe.”
Duca twibaza duti mbega habuziki kugira habe gutahurana kwabatwara n’abatwarwa?