Entertainmentkirundi

Kigingi inyuma yogusezera ubusore ubu naho yabaye umuvyeyi

Kigingi benshi mwamumenye kubera Impano yiwe yogutwenza, ivyo akanabishingirwa intahe nabo yatanguriye uwo mwuga nka Mutima le comédien,Gasore,Raoul,Ildephonse n’abandi…… Abo basore barashimira Kigingi ko yahagaze magabo kugira uwo mwuga wabo wogutwenza ufatwe nk’akazi nubwo vyari uko ntibasaba k’umutera akamo ko akuze ngo ahebe arongore.

Ngo ikintu cose kigira igihe caco yaratevye arabishira mu ngiro kuko umukunzi yarasanzwe amufise, amatwi adusumira ngo bari banakundanye igihe kirekire no mu vy’akazi ka Kigingi akamushigikira.

 

Ivyiza vyama biri Imbere, Imana yacanye, n’impundu mu muryango, Mugenzi Alfred Aubin bungutse ikibondo igenekerezo rya 14 Ntwarante 2023,n’ umunezero udasanzwe yerekanye uretse ko hari umwana yoba adashima kwerekana ku mbuga ngurukana bumenyi uwo niwe twovuga ko ari impfura ya Kigingi.

Akajambo kamwe ko kumukeza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 274