Entertainmenthomepagekirundi

Big Fizzo n’agashavu kenshi arabiyamye

Mu gihe ariko akorana inguvu mu kuduza urubuga rwiwe Rwa TikTok, aho ubu ageze mu bariko barababa 25,000, Big Fizzo ngo yoba atorohewe Kuri urwo rubuga, none yiyamye abamubangamiye.

Big Fizzo ashobora kuba hariho abantu batamereraniye neza, tugendeye kuvyo uwo muririmvyi yashikirije ku rubuga rwiwe rwa TikTok.

Mu ntango za kuno kwezi Kwa 3, Umuririmvyi Big Fizzo aheruka gushikiriza abicishije muri Video yasangije abariko barababa 25,000 bamukurikirana, ko urwo rubuga rwa TikTok akoresha, ngo ari rwiwe, nta numwe barusangiye.
Uwo muririmvyi yasavye abadakunda ivyo ashira Kuri urwo rubuga, ko bokwihangana, bagakora unfollow Kuri urwo rubuga rwa TikTok, kuko ivyo ashirako ari rwiwe kandi ashirako ivyo ashaka.
Abo Bantu avuga, Big Fizzo ntiyaronse uko abavuga, nimba boba ari abamwanka canke, abibukitsa ko Video ashirako ari iryo kwiryohera gusa, ariko abasaba ko nibabona Video yiwe ntibayikunde ngo bagire Swipe, birenganire.
Big Fizzo rikaba atari irya mbere ahanganye n’abamukurikira badahuza, kuko ku zindi mbuga uko yahora akora, n’uko uzanye ibintu vyo gutukana ico yakora yaca aku Bloka, noneho ubuzima bukabandanya.
Ubu rero tukaba tutazi ko uwo muririmvyi yoba yahinduye umukenyuro Kuri urwo rubuga, kuko bibaboneka ko akiriko ararwukaba ngo rugere kure gusumba.
Big Fizzo akaba ari mu baririmvyi batatu ba mbere bakurikiranwa cane ku mbuga-yagiro hano iwacu, Kuri TikTok ageze ku bagera 22,500, Kuri Instagram ararenza 110,000, Kuri YouTube arenga 100,000 Kuri Facebook naho arenza abarenga 300,000, n’izindi nka Twitter, Likee n’izindi.
Big Fizzo Kandi hano iwacu ari mu baririmvyi bafise imbuga zabo za Instagram zimaze kuba Verified, abandi ni nka Mista Champagne, Sat-b, lolilo, Natacha n’abandi.
Aha mukamenya ko Big Fizzo amaze amezi ku mugabane wa buraya, aho asanzwe aja kuruhukira igihe kitari gito. Uno mwaka Big Fizzo akaba yabonetse ashishikajwe cane n’ugukoresha cane urubuga rwa TikTok, ivyaciye bimushira mu kibanza nk’ica 3 mu baririmvyi b’abarundi bakurikiranwa cane Kuri urwo rubuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 341