Umukinyi w’umusatirizi w’umurwi wa Bumamuru Fc Patrick Banza Kanianga ntakiri mu mwiherero w’umurwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba w’abakinyi bariko bitegurira inkino zo gukurakuranamwo z’abakinyi bakina mu bihugu vyabo CHAN .
Intandaro ya vyose ni ukutitabira imyimenyerezo ku gihe no kutitwara neza mu buzima busanzwe.
Indundi Sports yegereye umumenyereza w’umurwi nserukira gihigu w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije kugira atange umuco kuri ivyo vy’uwo mukinyi yatwemereye ko uwo mukinyi atakiri mu mwiherero w’umurwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba bivanye no kwerekana inyifato itabereye .
Etienne Ndayiragije akaba yavuze ko umukinyi wese atazokwitwara neza mu kwubaha umwiherero w’Intamba mu rugamba, no kutitabira imyimenyerezo ntazomwihanganira .
Mwomenyako Patrick Banza Kanianga mu mwaka uheze yahora akinira umurwi wa Sakryasport ukina mu cicaro ca kabiri muri Turkey ariko munyuma twaciye tubona agarutse mu murwi wiwe wa Bumamuru Fc .