Myugariro w’umurwi Nserukira gihigu w’Intamba mu rugamba Nsabiyumva Frédéric ntazoboneka mu nkino zibiri za kivandimwe zizohuza Uburundi na Indonésie ku magenekerezo ya 25 na 28 Ntwarante 2023 .
Impamvu yatumye uwo mukinyi atitabira izo nkino ni uko ariko araraba ingene yo kwimura umuryango wiwe ku mugabane wa buraya mu gihugu ca Sweden .
Nsabiyumva Frédéric akaba ari umwe mu bakinyi ngenderwako b’umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba .
Mwomenyako Nsabiyumva Fréderic abaye umukinyi agira kabiri asivye izo nkino zibiri z’Intamba mu rugamba.