homepagekirundi

Ivyo Kadjan’in akoreye Davy Carmel, vyagwaje abatari bake mu Barundi babibonye

Uretse Davy Carmel, ariko Dacia Munezero na AKbar Kasur iyaba vyabashobokera, ivyo Kadjan’in yakoreye uwo Mugabo akorera imboneshakure y’igihugu kibanyi c’Urwanda RBA, n’abo bashaka kubironkako, arico gituma bari bamuriye aho yerekana ivyo yamukoreye.

Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 16/3 I Kigali hakoraniye abanyacubahiro batari bake, kuko habereye ikoraniro kamenuza rya FIFA ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’umupira w’amaguru.
Muri abo bashitsi batari bake babonetse I Kigali, habonetsemwo umuririmvyikazi w’umurundi karuhariwe naho muri ino misi atakiririmba, uwo nawe ni Kadjan’in.
Nkuko vyabonetse ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, Kadjan’in yabashije kuboneka mu bikorwa bitandukanye vy’iryo koraniro, ariko Kandi abasha no guhura n’abandi bagabo bakomeye baranze uwo mukino.
Hampande y’abo banyacubahiro batandukanye babonanye na Davy Carmel Ingabire, umumenyeshamakuru w’umurundi akorera muri ico gihugu.
Davy Carmel, ntiyabuze gusangiza abamukurikirana ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye asanzwe akoresha amashusho aho yarikumwe na Kadjan’in muri iryo koraniro.
Davy Carmel akaba yahakijwe n’abamukurikira batari bake, kuko yabashije gushika ku ndoto z’abarundi batari bake, barimwo abamukurikira nkuko banabashije kuvyerekana muri commentaire ya Instagram.
Mu gihe Davy Carmel yaherekezesheje iryo shusho amajambo avuga ko ataratora ubwenge kuba yabashije guhura nawe, kuko ngo ubuzima bwiwe bwose yabayeho amukunda mu mice itandukanye y’ubuzima bwiwe bw’umuziki. Abandi nabo iyaba yababibwiye imbona nkubone n’amakofe yari buyakubitwe.
Abarimwo umu Bloggeuse akomeye wa Yaga Burundi Dacia Munezero , umu activiste w’umurundi aba muri Sweden Akbar Rasul, umu Mannequin w’umurundi akorera I Kigali Christa Bella Kaneza, bahatswe kumurya, kuko bose bahuriye ku kintu kimwe ko bamurwaye, Kandi n’abo bari bipfuza kumuhobera no kuganira nawe.
Ntitwabashije kumenya ico uwo murundikazi w’igihangahangange yaserukiye muri iryo koraniro kamenuza, ariko ico twabashije kumenya n’uko atari irya mbere abasha kugendera ico gihugu, kuko akatari gake abasha kugenderera ico gihugu c’imisozi 1000.
Ku bakiri bato batazi ivya Kadjan’in, amazina yiwe y’ukuri ni Jeanine Rema n’umurundikazi yavutse hano iwacu mu mwaka w’1959, abamwibuka bamuzi ku ndirimbo nka Mama, Sambolera, Wale watu, izo ndirimbo mvuze zikaba zaririmbwe imbere ya 1995.
Ikindi kizwi Kuri Kadjan’in n’uko uwo muvyeyi atazi kurenguka mu mwambaro yambaye hatarimwo igitenge, Kandi akatari gake maze kubona amashusho atandukanye yiwe, sindabasha kumubona atambaye igitambara mu mutwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 331