Burundihomepagekirundi_Sports

Paul Kagame yabonetse ku kibuga, ivyaherukwa kuri nyakwigendera Petero Nkurunziza

Iboneka ry’umukuru w’igihugu Paul Kagame mu gitigiri c’abakinye b’urukino rw’umupira w’amaguru rwabaye Kuri uwu wa gatatu Kuri Kigali Pele Stadium, bamwe rwabibukije urukundo uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Umuhisi Petero Nkurunziza, yakunda uwo mupira w’amaguru.

 

Umukuru w’igihugu kibanyi c’Urwanda, asubiye kuvugisha benshi Kandi Kuri uyu wa Kane.
Mu gihe kuri uwu wa gatatu, Umukuru w’igihugu Paul Kagame na Giani Infatino yasubiye gutorwa ngo arongore FIFA bari baramutse bugurura ku mugaragaro ikibuga c’umupira w’amaguru cahora citwa Amahoro Stadium, ariko ubu cahawe akazina ka Kigali Pele Stadium, habaye urukino rw’umupira w’amaguru.
Mu bakinyi bakinye, harimwo uwo mwubahwa Paul Kagame. Muri urwo rukino habonetsemwo ama Foto n’ama Video atandukanye, ariko aguma agaruka kuriwe we nyene yakwirakwijwe.
Ku ruhande rw’abarundi n’abanyarwanda batari bake, kubona uwo mwubahwa akina umupira w’amaguru, vyagarukanye igicapo c’umuhisi Petero Nkurunziza, umugabo yakunda umupira cane.
Bamwe mu babashije kugira ico bashikiriza Kuri ayo mashusho, bakaba bavuze ko baciye bibuka uwa mutware Uburundi bwabuze butanse.
Ku batavyibuka, umukuru w’igihugu Paul Kagame yarigeze kugendera Uburundi, ahabwa ikaze ku kibuga c’umupira w’amaguru Prince Louis Rwagasore, aho yatanze umupira wa mbere mu rukino rabonetsemwo iyo uwo muhisi Petero Nkurunziza.
Ico gihe bikaba bishoboka ko arico gihe umukuru w’igihugu Paul Kagame yaherukirako kuboneka akina umupira. Itandukaniro ry’ubu n’ico gihe akaba ar’uko ico gihe yatanze umupira wa mbere gusa, ariko ubu yabashije kuboneka mu gitigiri c’abakinye.
Paul Kagame akaba azwi cane mu gitigiri c’abakunzi b’urukino rwa Tennis hamwe na Golf.
Nayo Petero Nkurunziza, akaba ariwe mukuru w’igihugu wenyene hafi muri Afrika nzima yakunda Kandi akanakina umupira w’amaguru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 404