Abarundi barayamaze ngo uwushigikiwe n’ingwe aravoma, mu gihe abandi bimyiza ibamfu kubera kubura ama VISA, Drama T we avuga yemye ko ikibazo ca VISA atari ikibazo nkuko abandi babivuze kugira abashe guteramisha abari i Buruseri. None iyo ngwe imushigikiye n’iyihe?
Amakuru mashasha ku bijanye n’aya ma VISA abandanya aboneka, Drama T yamaze kwemeza ko azoba ari mu bubirigi mu kwezi kwa 5, nkuko affiche y’igiteramo ivyerekana.
Uwo muririmvyi Drama T akoresheje Video yiwe yahumurije abafana ko ivyo babwiwe ko azoba ari i Buruseri ngo arivyo azobateramisha ata kibuza.
Uwo muririmvyi yababwiye ko ata kibazo na kimwe abantu bakwiye kwibaza kijanye n’ama VISA.
Uwo Mutima utekanye ku kibazo ca VISA, mu gihe abandi vyabananiye, twahavuye tumenya igituma.
Abarundi barayamaze ngo uwushigikiwe n’ingwe aravoma, none uwo musore igituma avugana ugutekana kwinshi nuko afise intare itoroshe mw’itegurwa ry’ibiteramo haba hano iwacu co kimwe no mu mahanga imushigikiye.
Umugabo yitwa Dj Paulin hamwe na Cristal Event nawe ari mu bariko bategurana na Akiwacu Event ico giteramo ca Drama T mu Bubirigi. Igica gisigura ukuboneka Kwa Visa bitagoranye cane.
Uwo mugabo mu mwaka uheze yari yamenyesheje ko muci muri uno mwaka wa 2023 hari abaririmvyi bazoboneka mu biteramo yari yashatse gukora Imbere yaca Kiza ca COVID-19, ariko ntivyakunda.
Paulin Bizimana yari yamenyesheje ko uno mwaka azokoresha abaririmvyi 3, abo baririmvyi bakaba batari bwavugwe amazina, ariko akaba yari yavuze ko hazoba harimwo umwigeme muri abo baririmvyi.
Ubu umuririmvyi wa mbere akaba yamaze kumenyekana, uwo nawe akaba ari Drama T, hakaba hasigaye kumenya abandi, kuko bishoboka ko azokorana n’abakunzwe muri ino misi, abo nabo bakaba baharuye ku ntoke.
Naho hamenyekanye ibiteramo ku mugabane wa Buraya, hari n’ibindi yashaka gukorera muri Canada, Kandi umwe mu bategura ibiteramo muri ico gihugu, akaba yari yamaze kwemeza ko bazokorana. Ubwo rero akaba ashobora no kuzoja no muri Canada uwo muririmvyi.