homepage

Urumogi rwabaye Deal ikomeye mu Rwanda

Urumogi mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ruri mu biterwa ico gihugu cipfuza gukuramwo amafaranga menshi cane, Kandi rukipfuza ko abafise amafaranga boyashiramwo kuko hateganijwe kuvamwo inyungu itari nto muri ico giterwa mu bihe vya Vuba.

 

Mu gihe ibihugu bitari bike vy’abanyafrika, n’ic’iwacu kirimwo atako batagira ngo urumogi rutuzwe mu banyagihugu, Urwanda rwo rwahinduye umukenyuro.
Mu makuru ava i Kigali, nuko ico gihugu camaze kubona ko hakenewe abanyamitahe bashira amafaranga mu giterwa c’urumogi.
Mu bice biharurwako kwinjiza amafaranga menshi muri ico gihugu, igiterwa c’urumogi kiza mu bibanza vya mbere nkuko amakuru ava muri RDB, ikigo kijejwe iterambere muri ico gihugu abishikiriza.
Umutahe ukenewe muri ico gihugu kugira ico giterwa kibashe kurimwa ngo n’umutahe ungana n’Imiliyaridi zirenga 57 z’amafaranga ya hano iwacu. Ico gisata kijejwe iterambere muri ico gihugu, ngo kigiye gutangura gushishikariza abantu gushira amafaranga yabo mu burimyi bw’ico giterwa.
Ico giterwa kikaba kizoterwa ahantu hacunzwe cane nkuko itegeko ry’umushikiranganji rigaruka kuri ico giterwa n’ibigikomokako ribishikiriza.
Iryo tegeko rikaba rimaze imyaka 2 rishizweko umukono n’ubwo bushikiringanji, hakaba hari mu kwezi Kwa 6 mu mwaka wa 2021.
Ico giterwa nkuko ayo makuru abandanya abivuga ngo kuzoshorwa mu bihugu nka Leta zunze ubumwe za Amerika, Canada n’ i Buraya, ariko Kandi no mu Rwanda.
Nayo ibizokorwa muri ico giterwa, ni nk’ibiribwa, amavuta, ibijanye n’ubuvuzi, Ubushakashatsi, Kandi rukazonakoreshwa mu mahinguriro.
Ayo mahirwe rero abonetse mu Rwanda abazoyabona si umurengera, kuko bizosabwa ibintu bitari, ariko Kandi n’abazokoresha amanyanga ico giterwa n’abo bakaba barabiyumviriyeko, kuko hatowe amategeko.
Umunyororo wo guherayo n’ihadabu ry’imiliyoni ziri hagati ya 60 na 90 z’amafaranga y’amarundi mu gihe uhamijwe icaha co kijanye n’ibiyovyambwenge.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 290