Ndayishimiye Youssuf batazira Nyange ntazoboneka mu nkino zibiri za kivandimwe zizohuza Uburundi na Indonésie magenekerezo ya 25 na 28 .
Uwo mukinyi w’Intamba mu rugamba akaba atashizwe mu rutonde rw’abakinyi ba OGC Nice bazohura na Lorient kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 18 Ntwarante 2023 .
Nyange akaba afise akabazo gato k’imvune katumye ahabwa akaruhuko k’imisi 10 ya karuhuko .
Indundi Sports yegereye Etienne Ndayiragije kugira imubaze ko uwo mukinyi azoboneka canke atazoboneka mu nkino za kivandimwe Uburundi bwimirije gukina na Indonésie , akaba yatwishuye ko uwo mukinyi atazoboneka muri izo nkino .
Akaba yagize ati’’ Oyaha ntazoboneka yagize akabazo gato k’imvune akaba yahawe akaruhuko k’imisi 10 n’umurwi wiwe wa OGC Nice , ni inkino za kivandimwe tuzoraba abandi basore bakina mu kibanza ciwe kugira nabo nyene baronke Experience .”
Mwomenya ko Youssuf Ndayishimiye abaye umukinyi agira 3 w’Intamba mu rugamba atazoneka muri izo nkino zibiri za kivandimwe inyuma ya Mohammed Amissi hamwe na Nsabiyumva Frédéric .