Umugambi uhari Kwa Alvin Smith n’uwo gufata akarere mu gihe Kiri imbere. Ivyo uwo muririmvyi akaba yabiyagiye mugenzi wacu Juste Gael.
Mu gihe aheruka gushira ahabona EP nshasha yise 4You, uwo muririmvyi yavuze ko muri izo ndirimbo harimwo imwe muzi izo ndirimbo izomufasha kuja kurondera kumenyekana mu bindi bihugu nka Congo na Tanzania.
Muri ico kiyago, Alvin Smith yavuze ko nkuko yakoze aja mu Rwanda akatari gake, kugira bikunde amenyekane muri ico gihugu, ngo niko ashaka kuzobikora no mu bindi bihugu.
Indirimbo nakadame ngo n’iyo ndirimbo igiye kuba iturufu yo kuja muri ivyo bindi bihugu kugira naho aharonke incuti zizomufasha kuduza ibikorwa vyiwe.
Uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe Indirimbo ziwe 2 yakoranye n’abaririmvyi b’abanyarwanda, Turajana yakoranye na Bwiza hamwe n’Akadaje yakoranye na Junior Kizigenza zose zimaze gukwiza Views 500,000 imwe imwe.
Izo ndirimbo zibiri zikaba nkuko uwo muririmvyi yabishikirije zimaze kumuzanira abandi bamukurikirana Kuri YouTube barenga 30,000.
Izo ndirimbo co kimwe n’ingendo yakoze muri ico gihugu, ngo zikaba zamutumye amenyekana cane gusumba abandi baririmvyi b’abarundi mu Rwanda, Kandi akanahagira ama Connection gusumba abandi.
Alvin Smith nta Mugambi afise wo guhagarika kuko n’ubu aheruka gushira ahabona amasanamu y’imwe mu ndirimbo ziwe ziri muri iyo EP yiwe nshasha, iyo nayo ikaba yahawe akazina nk’aka EP ariko For You.