Uwahoze ari umumenyereza w’Intamba mu rugamba Ade Amrouch muri kino gihe amenyereza umurwi nserukira gihugu Tanzania Taifa Stars yipfuza hasi hejuru umumenyereza w’umurundi Cedrci Kaze kugira aze amubere icegera ciwe .
Amakuru ariko yandikwa na bimwe mu bimenyeshamakuru bikomeye vyo mu gihugu kibanyi ca Tanzania avuga y’uko hasigaye ko Cedric Kaze atanga inyishu .
Ivyo bimenyeshamakuru vyandika ko Cedric Kaze kuba icegera ca Adel Amrouch ata ntambamyi bivanye n’uko ashobora guca abandanya akorera umurwi wa Young Africans .
Cedric Kaze akemera gukorana na Adel Amrouch azoca aba umurundi agira kabiri akoranye n’uwo mumenyereza inyuma ya Amars Niyongabo bigeze gukorana mu murwi nserukira gihugu wa Kenya .
Mwomenya ko Adel Amrouch yigeze kumenyereza umurwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba.