abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Adel Amrouch yipfuza Cedric Kaze muri Taifa Stars

Uwahoze ari umumenyereza w’Intamba mu rugamba Ade Amrouch muri kino gihe amenyereza umurwi nserukira gihugu Tanzania Taifa Stars yipfuza hasi hejuru umumenyereza w’umurundi Cedrci Kaze kugira aze amubere icegera ciwe .

Amakuru ariko yandikwa na bimwe mu bimenyeshamakuru bikomeye vyo mu gihugu kibanyi ca Tanzania avuga y’uko hasigaye ko Cedric Kaze atanga inyishu .

Ivyo bimenyeshamakuru vyandika ko Cedric Kaze kuba icegera ca Adel Amrouch ata ntambamyi bivanye n’uko ashobora guca abandanya akorera umurwi wa Young Africans .

Cedric Kaze akemera gukorana na Adel Amrouch azoca aba umurundi agira kabiri akoranye n’uwo mumenyereza inyuma ya Amars Niyongabo bigeze gukorana mu murwi nserukira gihugu wa Kenya .

Mwomenya ko Adel Amrouch yigeze kumenyereza umurwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 186