Naho atawuzi ko amajambo ava ku Mutima ayabwira umuntu kanaka, canke ari bimwe vy’abaririmvyi bavugira hejuru ivyo abandi bavugira hasi, ariko Big Fizzo aheruka gusangiza abamukurikirana amajambo akomeye yanahanahanywe n’abatari bake, bakayashira Kuri Za Status za Whatsapp.
Ku badukurikirana muribuka ko twaheruka kubashikiriza ko Big Fizzo ashobora kuba afise ukuntu hariho abantu batumvikana Kuri TikTok, dufatiye ku majambo yashikirije muri Videos yabasangije? Ubu naho uwo muririmvyi yahinduye umukenyuro.
Uwo muririmvyi aheruka gushira ahabona uruhererekane rw’amajambo yasangije abamukurikirana ku mbuga nka Whatsapp co kimwe na Snapchat nkuko amakuru twahawe abishikiriza.
Muri ubwo butumwa, urumva ko uwo muririmvyi asa n’uwushikiriza akari ku mutima, aho agaruka cane ku kibazo c’ukudafatana neza hagati y’abantu 2. Muribo akaba yagarutse ku Bakundana co kimwe no ku bagenzi basanzwe.
Ku Bakundana yagize ngo :” Amafaranga yubaka urugo Vuba, ariko ubukene nibwo busuzuma ko rukomeye.” yongerako ngo : ” Ntuze uhatire umuntu ngo abe nkuko wewe ushaka, kuko wosanga nawe umeze uko nawe adashaka… Ahubwo wewe uze urabe gusa ko aha agaciro umubano wanyu kuko nico gikenewe.” Asubire Kandi ngo :” Uwushaka kugira ico akora arondera inzira yo kugikoramwo, ariko uwudashaka kugira ico akora arondera impamvu ituma ataco akora.”
Ku bagenzi yagize ngo :” Kenshi abantu bazoha agaciro ivyiza wabakoreye mutakirikumwe.” Kandi ngo :” Hitamwo abagenzi bawe kuko abansi bawe bazoguhitamwo.” Yongera ngo :” Si Buri muntu wese amerewe neza ariko si vyiza kubwira buri muntu ko utamerewe neza…”
Muri izo Status Kandi yashizemwo n’ama Video, aho yagarutse naho ku bugenzi, aho yavuze ngo : ” umuntu nashaka kukwerekana ko ataco vyomutwara kukubura, nawe ntuzogwanire kumwereka ko hari ico wari waramumariye, mureke, igihe conyene kizomwereka ko wari umudasubirizwa.”
Izi Status abantu batari bake barimwo na Yassin wa mu Fans wiwe akaba n’umu Promoter, bakaba bazihanahanye, bazisangiza abandi Kuma Status yabo.
Ubu rero bikaba bigoye kuvuga ko ibi vyari ibiri ku Mutima Big Fizzo yashaka kubwira umuntu kanaka, canke ari wa Mutima w’abaririmvyi bakunze gukoresha kugira bavugire hejuru ivyo abandi bivugira mu ntamatama.
Ikizwi co n’uko uwo Mugabo muri ino misi abarizwa I Burayi, agize imisi ariko ashira amajambo akomeye ku rubuga rwa TikTok, urwo rubuga rukaba rwahavuye rubomboka kuko abatari bake bamaze kurukurikirana, ubu akaba ariko yababa 25,000 bamukurikirana.