Big Fizzo mu gihe yaheruka kugabishwa ko adasohoye Indirimbo nshasha mu misi ya Vuba bazoca bamutera, yasohoreye rimwe Indirimbo zirenga 30. None coba ari igipfukamumwa yahaye abafana, canke bihuriranye nuko hari hageze ko zisohoka?
Big Fizzo akaba asohoye Indirimbo 33 icarimwo ku rubuga rwiwe rwa YouTube Kuri uyu wa gatandatu mu masaha yo mwi’ijoro ku masaha yo mu Burundi.
Mu gihe hakirindiriwe urukurikirane rushasha rwa Big Fizzo, rwitezwemwo Indirimbo yakoranye n’abanyanahanga, uwo muririmvyi yaciye asohora izindi atari izo.
Izo ndirirmbo zashiriweko rimwe n’indirimbo ziboneka nk’inkurikirane zi 2 zasohokeye rimwe haraheze imyaka ishobora kuba irenga 2.
Izo Nkurikirane zikaba ari Legendary na Desideratus, izo nazo zikaba zari zisanzwe ziri ku Mbuga zindi zigurisha umuziki, ariko Kuri YouTube akaba atazo yari bwashireko.
Naho atari bwazishireko imwe imwe ukwayo, izo ndirimbo zari zimaze gushirwako ari ico bita mu gifaransa Playlist.
Izo ndirirmbo zasohokeye rimwe zikaba zitabashije kurabwa cane, kuko mu masaha hafi 24 zisohotse nta nimwe yabashije gushikana Views 5000, ahubwo nka 3 canke 4, zirimwo izakwije Views 1000.
Izi zikaba zisohotse mu gihe Big Fizzo yaheruka gushikizwa ko ataravye neza ngo asohore Indirimbo nshasha mu misi ya Vuba, ngo bazoca bamutera bazimwake, kuko ngo bari bamaze kuruha n’ukurindira ibikorwa bishasha.
Ku batavyibuka, canke batari abafana biwe, Big Fizzo aheruka gushira ahabona Indirimbo nshasha haraheze amezi nka 3, iyo ndirimbo ikaba yahawe akazina ka Ndabizi, kandi ikaba yarakorewe n’amasanamu.
Naho ariyo nshasha yaheruka, hari Indirimbo zitandukanye zahora ziri Kuri urwo rubuga zari zakuweko, ariko mu nyuma zisubizwako, zo zikaba ziboneka nka zishasha ariko ari iza kera.