Mu gihe Double Jay yamaze gushira amaboko hejuru ko ivya Visa bitagikunze, Bwiza we ngo abafana bari bamwiteze I Burayi ngo n’ubu nibabandanye bamwitege.
Muribuka tubabwira ko double Jay na Bwiza vyanse ko baronka VISA ibashikana i Buraya kugira baje guteramisha abakunzi babo i Lyon mu bufaransa? Vya bintu vyahindutse.
Amakuru twari twabahaye mu misi iheze, twarababwiye ko amatariki y’igiteramo yahinduwe, kuko igiteramo cobaye igenekerezo rya 11/3, cahinduriwe noneho agashirwa kw’igenekerezo rya 24/3.
Ikindi twababwiye nuko hampande y’abaririmvyi nka Double Jay na Bwiza abaririmvyi Christopher na Riderman aribo bahavuye bahabwa deal yo kuja guteramisha abo bantu.
Ubu rero ibintu vyahinduye umukenyuro, mu gihe Double Jay we yamaze gushira amaboko hejuru ko abafana batomwitega kuko vyanse ko bamuha Visa, Bwiza ngo vyahavuye bimuhira.
Amakuru ava I Kigali, avuga ko uwo muririmvyi yamaze gushirwa mu gitigiri c’abaririmvyi bazoririmba muri ico giteramo kizoba muri ino ndwi dutanguye.
Ayo makuru dukesha ikinyamakuru Isimbi co mu gihugu c’Urwanda avuga ko uwo muririmvyikazi yamaze kuronka VISA imuha uburenganzira bwo Kuja muri ico gihugu c’Ubufaransa, Kandi ko yanashizwe hampande ya Christopher na Riderman bazohaboneka.
Muri ico giteramo kandi KO ata murundi wundi yabashije kubonake mu gitigiri c’abazoririmba, bakaba bagumye ari abanyarwanda gusa. Ariko ibiteramo vyateguriwe abarundi vyo bitabuze, kuko Kidum na Kigingi bitezwe mu bubirigi muri aya mezi 2 ari imbere.