Entertainmenthomepagekirundi

Hoba hari abariko bagwa mu kutabona kumwe ibintu Kuri muri AMB?

Zuguruzuguru ngo nizo zoba zibarizwa muri rya shirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi, Indirimbo yakozwe kubw’ukwezi kwahariwe Umukenyezi, yitirirwa iryo shirahamwe ikaba atari imwe nkuko vyahora, zabaye 2. Imwe yakozwe na President iyindi n’icegera ciwe.

Mu gihe uku kwezi Kwa 3 ari ukwezi kwahariwe Umukenyezi, n’abaririmvyikazi n’abo ntibatanzwe guhurira hamwe ngo babashe kwiginana ukwezi kwabahariwe mu gukora Indirimbo.
Ukubitiye ku rubuga rwa YouTube rwa Amicale, habarizwako Indirimbo 2 zumvikanamwo abaririmvyikazi batandukanye.
Amakuru ahari avuga ko hagati ya Manager Stein na Krazzi Bright basanzwe batwara AMB ngo habayemwo inyinyurana, kuko batabona kumwe ikorwa ry’indirimbo y’uwo musi. Buri umwe ngo ashobora kuba yarikwegerako, kugira vyose bikorerwe iwe. Ahahavuye havamwo izo ndirimbo 2 zashizweko mu mwanya utandukanye.
Iyiswe Bakenyezi b’imboneza ikaba yafashwe mu mugongo na Brigth ariwe President wa Amical, ari nayo yasohotse ubwa mbere ikaba yakozwe na Bright muri Roc House record afatanije na Romeo Etoile du Centre, nawe yigeze gutwara Amical. Kuri iyo ndirimbo hakaba handitsweko ko ari abaririmvyi bo muri AMB, nukuvuga ko atari abagore gusa. Muri 5 bumvikanyemwo 2 bakaba ari abagabo nayo 3 bakaba ari abagore.
Kuri iyo ya 2, yiswe Haguruka Mukenyezi, akaba ata mugabo yumvikanyemwo, Kandi Manager Stein akaba atabashije kuririmba nawe. Iyi ikaba yumvikanyemwo abigeme bahurikiye muco bise Burundian Female Artist Network, n’abo bakaba Atari bake, kuko mu ndirimbo habonetse abashika 20. Ikaba yakorewe muri Bantu Bwoy Kwa Edith Stein.
Amakuru dukura rero mu begereye Amical akaba avuga ko abo bigeme bumvikanye muri iyo ndirimbo yakozwe na Krazzi Bright, boba batari mu gitigiri c’abaririmvyi babarizwa muri rya huriro ry’abigeme b’abaririmvyikazi b’abarundi. Igica gituma batabasha kwitaba ibikorwa vy’iryo huriro vyabaye aho bahurira hamwe ngo bahimbarize hamwe umusi mukuru wahariwe Umugore.
Muribuka umuririmvyikazi Meili aho yagaruka avuye muri Afrika y’epfo, mu bamwakiriye harimwo umukuru wa Amical Krazzi Bright, Kandi uwo muririmvyi muvyo yavuze, yashikirije ko iryo shirahamwe ryamufashije kugira abashe kwerekeza muri Afrika ay’epfo bitamugoye.
Imisi mikeya imbere yuko agenda ntiyabashije kwitabira ibikorwa vyari vyateguwe na rya huriro ry’abaririmvyikazi, Kandi nawe asanzwe arimwo. Amakuru dukesha abegereye iryo huriro avuga ko uwo mwigeme nawe yari ku bategerezwa kuhaboneka kuko yari yanatanze intererano yari ikenewe.
Ubu rero tukibaza nimba Amicale yoba yaracitsemwo Kabiri, canke yoba ikiri imwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 586