Entertainmenthomepage

Umwigisha ateje uruhagarara haba mw’ishure no hanze yaryo

Muri Afrika yepfo, umugore w’umunyamideri akaba Kandi n’umwarimu, avugishije benshi kubera uburyo yambara imbere y’abo yigisha, bamwe bakamutera amabuye, abandi bakipfuza kuba abanyeshure biwe.

Abenshi muri twebwe twakuriye imbere y’abigisha b’abavyeyi baba bambara impuzu bakunze kuvuga ko baba bikwije, ariko abubu bamwe bamwe bishobora kuba vyarahindutse.
Muri Afrika y’epfo, umwigisha yigisha ibiharuro ntiyorohewe kubera impuzu yambara kw’ishure, kuko bamwe babona ko zitabereye.
Uwo mwigisha asanzwe anakora akazi k’ubunyamideri, nukuvuga ko kwambara za mpuzu bakunze kwita ama 2 pieces ata kibazo bimutera, kanatsinda asanzwe anazidandariza, ntavugwako rumwe kuko bamwe bavuga ko asamaza abanyeshure yigisha.
Uwo mukobwa nkuko ibinyamakuru vyo muri Afrika y’epfo bibishikiriza akaba afise, urudandazwa rw’ama Bikini, urudandazwa rw’amavuta y’abagore, eka mbere n’amasezerano yo gukorana hagati yiwe n’ayandi mashirahamwe. Nayo Ubutunzi bwiwe bukaba bungana n’umuliyaridi w’amafaranga y’amarundi.
Uyu mugore asanzwe atunze uko ariko Kandi akaba n’umwarimu, avuga ko hari abana yigisha bamufata amafoto atandukanye ari Sexy, bakaja Kuya Posta Kuri Za Social Media.
Muri uku kwezi, uyu mugore aheruka kuvyura ibibazo Kuri Twitter muri ico gihugu, kubera ama FOTO yapartage aho yabonetse ari mw’ishure, yambaye umwambaro utavuzweko rumwe.
bamwe bati iki nico gituma twipfuza gusubira ku ntebe y’ishure, abandi bati uyu ari umwigisha ntitwokwipfuza kwunguruzwa, abandi bati nta cerekana ko hari abanyeshure abari bahari yifotoza, ariko ngo uwo mwambaro si mwiza ku bantu bateye nkuko umeze, ngo bica vyerekana ko yabikoze abibona kugira avugwe.
Naho hari abatumubona ryiza, abandi n’abo bavuga ko uwo mwigeme arenganywa, ku kijanye n’uburyo yambara bitajanye n’uko ateye, bamwe mu bagore babashije kugira ico bavuga babajije uko yategerezwa kuba ateye kugira abashe kwambara uko. Abandi bakavuga ko aho akorera ata mwambaro babasaba kwambara, ngo nta cobuza atambara uko.
Uyu mugore akaba gushika ubu akurikirwa n’abantu batari bake, Kuri Twitter ageze ku bababa 204,000, Kuri Instagram barenga 347,000. Iyo Post iheruka kuvugisha benshi, mu misi 10, imaze kurabwa n’abarenga 4,000,000.
Munkundire ndababaze, namwe uwo mwambaro yambara mw’ishure, muwuvugako iki?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 543