Umuririmvyi Saidi Braza ni inararibonye mu muziki w’Uburundi avuka mu Ntara ya Ngozi yamenyekanye cane ku ndirimbo yiwe Burikukiye,Kugasaka ka Inarunyonga n’izindiii nyinshi….
Mu vyamuranga rwari urukundo n’amahoro kuri bose ntamisi myinshi yari haciye abonetse i Bujumbura, aho yari mu gikorwa cari categuwe n’ishirahamwe ry’abaririmvyi (AMB)co kuja gufasha kwubaka Ikibuga c’umupira citiriwe Intwari ( Stade Intwari) munyuma yaho yahavuye asubira i Ngozi
K’umutaga w’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2023 niho haboneka ifoto yerekana KO aremvye batabariza uwo wese yoba afise icoyofasha yuko atokwirengagiza agire ico afashije kugira aronke uko yokwivuza.
Ivyo vyamaze akanya urume rumara kuko muri iryo joro nyene rishira 24 yaciye yitaba Imana aho yari yashikanywe kubitaro vyitwa kwa Moïse kurya Muyinga.
Amakuru dukura ku war’amurwaje avuga KO yafashwe kuva kuwa gatatu igenekerezo rya 22 Ntwarante aguma aryamye gusa munzu ariko kubona KO vyarenze baramuterura bamutwara kwa muganga bamupimye basanga ni Marariya kubera yarimaze kurenga cane ntivyakunze ko abaganga batabara ubuzima bwiwe niko guca y’itaba Imana.
Akaba yashinguwe k’umusi w’agatanu igenekerezo rya 24 Ntwarante 2023 aho nyene i Ngozi apfuye afise imyaka 53 yavutse 1970
Tugerageje kwumva ivy’urupfu rwiwe turumva neza ko habaye n’ubukene kutagira gitabara n’ingene afise indirimbo zafasha imitima ya benshi aha abaririmvyi bohakura icirwa icahe?