Entertainmenthomepage

Yvan Buravan ati Ramadhan Karim ku ba Musulman bose

Yvan Buravan yitavye Imana mu kwezi kw’8 kw’umwaka uheze, yipfurije aba Musulman bose ukwezi kwiza Kwa Ramadhan, abatari bake bavuga menshi Kuri ubwo butumwa bwabonetse.

Mu gihe Kuri uwu wa Kane ariho abari mw’idini ry’ Islam batangura amafungo meranda ya Ramadhan, abatari bake bakipfurizanya amafungo meza, n’abitavye Imana nabo bagarukanywe mu kwipfuriza abazima ukwo kwezi kweranda kwiza.

Ku rubuga rwa Instagram rwa Yvan Buravan, umwe mu baririmvyi b’abanyarwanda baheruka gushengera, hashizweko Video y’aho hambere yiwe, ariko yipfuriza abafana, n’incuti ziwe ukwezi kweranda kwiza.
Abatari bake bakaba bakunze iyo Video, kuko mu masaha Ari musi ya 24, abarenga 11,000 bari bamaze kugira Likes, nayo abarenga 300 bakaba bari babashije kugira ico bavuga Kuri ubwo butumwa bwatanzwe n’uwatabarutse.

Mu babonetse bagira ico bavuga, habonetsemwo Deejay Pius, Philpeter, Anitha Pendo, DJ Paulin, Junior Gitti n’abandi.
Abatari bake bakaba mu babashije kugira ico bavuga bashizemwo ama Emoji y’umutima muri commentaire, ariko abandi bo bakaba bavuze amajambo, aho bamwe bavuze ko bataremeza ko uwo muririmvyi yagiye. Abandi bakavuga ko naho yagiye ngo batazopfa bamwibagiye.
Aha mukamenya ko imbuga za Yvan Buravan, zitahagaze gukora naho yatashe, kuko amashusho atandukanye yiwe abandanya asangizwa abarenga 435,000 bakurikiranira urwo rubuga.
Nayo Indirimbo ziwe nkuko nari nabishikirije, ku musi w’ejo, zikaba zibandanya zikundwa gusumba, kuko izina ryiwe riri muri 10 ba mbere baronderwa cane Kuri za mbuga ngurukanabumenyi zigurisha umuziki mu Rwanda.
Yvan Buravan ku batavyibuka, akaba yitavye Imana mu kwezi kw’8 mu mwaka wa 2022, inyuma y’imyaka 27 abonye izuba.
Ariko reka natwe mudukundire twipfurize aba Musulman bose Ukwezi kwiza Kwa Ramadhan.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 547