Entertainmenthomepagekirundi

Emery Sun ashima Imana abandi barira ayo kwarika

Emery Sun yashimiye abatari bake kubera ugutahukana ikibanza ca 1 mw’ihiganwa rya Isanganiro Awards ry’uno mwaka, naho uwa Kabiri we avuga atarya umunwa ko ikibanza uwo muririmvyi arimwo cari gwiwe, ariko ngo bakimunyanganije.

 

Mu gihe bamwe mu bari mw’ihiganwa rya Isanganiro Awards, barira ayo kwarika, barimwo uwa Kabiri we avuga atarya umunwa ko yibwe bikomeye, kuko hashobora kuba hari hateguwe guha ico kibanza ca 1 Uwaraye abaye uwa 11 atahukanye ico kibanza, Emery sun we yanditse ashimira abatari bake barimwo Imana, abafana, abamenyeshamakuru, aba DJ, abakoze iyo ndirimbo, hamwe n’abandi bose bamubaye hafi.
Uwo muririmvyi yaraye atahukanye ikibanza ca 1 mw’ihiganwa Isanganiro Awards, Edition ya… n’indirimbo yiwe Tagata, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Instagram ashimira Atari bake. Yanditse agira ati : ”
Ubwambere ICUBAHIRO kibe ic’IMANA yo yabikoze
Ubwa kabiri mfashe aka kanya ngo nshimire bimwe vy’Umwihariko abantu bose bantoye baba abari mu GIHUGU canke mu MAHANGA,babikora babicishije kuri facebook,instagram,twitter no kuma SMS iyi NTSINZI ni rwanyu,IMANA ibahezagire k’urukundo munyeretse,muri INTWARI.
Ubwa gatatu reka nshimire vyimvamutima ABAMENYESHAMAKURU bo ku ma Radio yose,Tv zose,Tv online zose,abandika bose kuri facebook,instagram,no kuzindi mbuga zitandukanye,umwe wese mu CUBAHIRO ciwe nti muri IBITANGAZA,mwagiye mumfata mu mugongo kugira indirimbo zanje zishike kure.IMANA ibahezagire kuko iyo mutahaba indirimbo zanje ntizari gushika aho zishitse.NI MWUBAHWE
Shimire kandi aba DJS bose bavuza indirimbo zanje,muri mubamfasha gushikana ibikorwa vyanje kubadukunda,IMANA ibagirire neza.
Ndashimira kandi @kollydamagic1 yamfashije cane mu gukora Audio na @director_oli_black muvyerekeye amasanamu yiyo ndirimbo
Mperaheze nshimira R.T.Isanganiro @isanganiro mukubandanya ifasha cane mw iterambere ry umuziki w ‘ IGIHUGU.
HUBAHWE Medias,HUBAHWE Abamenyeshamakuru,HUBAHWE Itangazamakuru,HUBAHWE Abafana,HUBAHWE abaririmvyi naba DJS.
MURAKOZE.
Ico kibanza uwo muririmvyi akaba akibisikanijemwo na Double Jay nawe yari yatwaye ikibanza ca 1 muri Isanganiro Awards edition ya 10. Ico gihe naho induru ntizaretse kuvuga, kuko havugwa ko umuririmvyi yari yabaye uwa Kabiri, uwo nawe ni Don Brighter ariwe yari mu kibanza ca mbere kuko ngo yari imbere mu manota.
Aha mukamenya ko Isanganiro Awards y’uno mwaka, habayemwo ukwihenda mu kuvuga ibibanza, ariko hasabwa imbabazi naho zitabashije guhosha bamwe mu bariko barahiganwa.
Ku batabizi, Emery sun abaye uwundi muririmvyi mu batandukanye b’ibihangange hano iwacu bamaze imyaka itari mike baririmba, Kandi bamaze kuboneka muri iryo higanwa akatari gake. Muri ico gitigiri harimwo nka Rally Joe, Yoya Jamal na Mkombozi, abandi bakaba ari abaririmvyi baba bakoze neza, bagiye batwara ico gikombe, aho nka Spok’s, Bernice the Bell, n’abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590