Urukino ruryoshe kandi rubereye ijisho rwitwa Criket rwatangujwe mu Burundi n’umurundi asanzwe aba mu gihugu ca Canada .
Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 30 Ntwarante 2023 , isaha icenda 15h00 ku kibuga ca Hindu Mandal kiri muri Comune Mukaza Quartier Asiatique mu gisagara ca Bujumbura aho hatanguzwa urukino rushasha rwitwa Cricket .
Urwo rukino rukaba rukinwa n’abakinyi 11 mu kibuga hamwe n’abandi 3 bari ku ntebe y’abasubiriza abandi , rukaba rukoreshwa n’ikibando hamwe n’agapira gatoya ka tennis .
Nsengiyumva John Clinton asanzwe arongoye ishirahamwe rya Criket mu Burundi yavuze ko ari urukino rugira kabiri rukundwa cane kw’isi havuye umupira w’amaguru ari nayo mpamvu yahisemwo kuruzana mu Burundi .

Urwo rukino rukinwa ku kibuga citwa ( Ovale)kikaba ari kinini gusumba ic’umupira w’amaguru hama hagati kikaba gifise ico bita ( Pitch) karya kabuga gatoya abantu bahora batererayo bakazibira umupira .
Urwo rukino rukaba rwemerewe kumugaragaro hano iwacu mu kwezi kwa Nzero 2023 hama ishirahamwe ryatangujwe n’amashirahamwe yo mu ntara 3 arizo Rumonge , Makamba hamwe ba Bujumbura .

Abahagarikizi , abakinyi hamwe n’abamenyereza baheruka kuronswa inyigisho kandi vuba hagiye gutunganywa amahiganwa .
Imirwi igera kuri 20 iramaze kwiyandikisha harimwo ibiri y’abahinde hamwe na 18 y’abarundi .
Iryo shirahamwe rikaba rimaze kugura ibibuga 2 mu buryo bwayo hakaba hasigaye ko bikorwa gusa .
John Clinton akaba yavuze ko itambamyi bamaze guhura nazo mu ntango ari iz’ibibuga kuko ni urukino rushasha rudafise ibibuga ariko iyo ntambamyi bakaba barayiteguriye kuko bafise ibibanza vyabo .
Mwomenyako ihiganwa nyezina ry’uwo rukino rizotangura mu kwezi kwa