Entertainmenthomepagekirundi

Sat-B agiye gusangira na Drama T intebe y’ubutware

Mu gihe Sat-b ariwe yari afise idarapo mu baririmvyi baronse Views nyinshi mu mwanya muto, Drama T amukuye mu kanwa igice c’inyama, iyindi ayisigarana mu majigo, kuko kuvayo yose bidakunda. Ariko Kandi anamutsindira mu wundi muce w’uno mukino.

 

Uko imisi igenda, niko umuririmvyi Drama T abandanya afata ikibanza ca mbere mu baririmvyi bariko bifata neza mu Muziki wa hano iwacu muri ino misi.
Inyuma y’ukuba umuririmvyi wa mbere akwije Views 1,000,000 mu mwanya muto, uyu muririmvyi akuye Sat-b ikijumbu mu kanwa mu kumutwara ikibanza ca 1.
Ico kibanza cari gifiswe na Sat-B cari ico kuba umuririmvyi wa mbere w’umurundi afise Indirimbo yakwije Views 4,000,000 ku ndirimbo 1, none Drama T akaba aheruka kumutwara igice kimwe c’ico kibanza.
Naho Sat-B atazokurwa ku ntebe y’iteka, kuko yabaye uwa mbere akwije izo Views, ariko Drama T nawe yamutwaye ikibanza c’umuririmvyi wa mbere yakwije izo Views mu mwanya muto cane.
Drama T, akaba yakwije izo Views mu mezi 7 gusa, nayo Sat-b akaba yarazifise mu myaka 3, yaramaze asohoye iyo ndirimbo.
Ico kibanza kandi Drama T agitwaye Sat-b ari wenyene, kuko Madam uno musi iriko irakwiza Views 4,300,000, yayikoze wenyene, mu gihe Beautiful ya Sat-b ifise Views 4,000,000 yo yayikoranye na Meddy wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.
Ha mpande ya Madam, na ITamporize nayo ishobora gukwiza Views 1,000,000 umwanya uwariwe wose, kuko yo isigaje abaharurwa ku ntoke ngo ikwize izo Views zisigaye ari ibisanzwe kuriwe.
Mu kiganiro DJ Paulin aharurwa nka Manager wiwe muri ino misi yahaye Sire Vibe, aheruka kumenyesha, ko Drama T muri aya mezi 2, ashobora gusohora Indirimbo zindi 2, kugira bikunde aronke izitari nke azoririmba mu gihugu c’Ububirigi aho yitezwe mu mpera z’ukwezi Kwa 5.
Zimwe muri izo ndirimbo zirimwo izo yakoranye na DJ Paulin ubwiwe, iziriko zikorwa na Washington, umuhinyanyuzi w’umugande, hamwe n’izo yakoreye mu Rwanda.
Drama T Kandi mu bubirigi, akaba azohakorera amasanamu y’indirimbo yakoranye n’umwe mu baririmvyi b’abarundi babarizwa muri ico gihugu.
Aha mukamenya ko Drama T atazoteramisha abari mu bubirigi gusa, kuko kumusi w’Imana igenekerezo rya 28/5, nukuvuga bukeye, azoca agenda mu Bufaransa i Bordeaux naho nyene ngo abariyo barashaka ko ahakorera igiteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590