Stino Vocal n’umuririmvyi w’umurundi aririmba indirimbo zo kuninahaza Imana, yatanguye kuririmba kuva 2016 yabitanguriye mu gihugu kibanyi ca Tanzania amazina yahawe n’abavyeyi ni Matabaro Jean Augustin .
Umuziki kuriwe ngo n’inzira yoroshe yogushikana ubutumwa bwiza Kure ,nubwo biruko ngo ahura n’intambamyi nyinshi mur’ako kazi kiwe kuko ngo benshi baramuca intege kubera akora umuziki wo kuninahaza Imana, ngo yopfuma aririmba zimwe zitwa ngo n’izisi kuko ngo iza gospel ntaco azokuramwo yamara ngo ntarota ahagarika kuko uwo ariko arakorera ari mw’Ijuru.
Hari haciye amezi 3 arekuye indirimbo yitwa “Ahonyene” igenekerezo rya 31 Ntwarante 2023 yarashize ahabona indirimbo yiwe nshasha yise” Baho” ubu ibarizwa kuri youtube yiwe Stino local abakunzi biwe ngo ni bareme ntarota ahagarika kubaha ibintu vyiza kuko arico yiyemeje ico abasaba n’ukubandanya mu mushigikira