David Nduwimana yitezwe mu biteramo i Bujumbura, akazonakorera igiteramo I Kigali mu Rwanda aho azoba arikumwe n’ibicocoro vy’abanyarwanda mu Muziki wo guhimbaza Imana, nka Alexis Dusabe.
Mu gihe David Nduwimana yitezwe mu biteramo hano iwacu mu kwezi Kwa 5, aho azoba agarutwe gukora ibiteramo inyuma y’imyaka itari mike abarizwa mu gihugu ca Australia aho asigaye akorera ibikorwa vya misi yose, uwo muririmvyi ngo azonakorera igiteramo i Kigali mu Rwanda.
Nkuko umuririmvyi akaba n’intumwa Apotre Apollinaire Habonimana yabishikirije, ngo uwo hari igiteramo citezwe i Kigali mu Rwanda mu mpera z’ukwezi Kwa 5 I Kigali mu Rwanda.
Muri ico giteramo Kiriko gitegurwa na East African Gospel Festival, hakaba hazobonekamwo abaririmvyi ba Gospel b’ibicocoro muri Afrika y’ubuseruko na cane cane i Burundi no mu Rwanda, abo n’abo akaba Ari nka Apollinaire, Alexis Dusabe, Aime Uwimana, David Nduwimana na Prosper Nkomezi.
Ico giteramo kizobera ahitwa Camp Kigali kw’igenekerezo rya 21/5 hakaba hatamenyeshwa igiciro c’amafaranga yo kwinjira kuraba izo nararibonye mu Muziki wo guhimbaza Imana.
Aba barundi 2 bakaba bazoba bagiye gukorerayo ibiteramo mu gihe bataheruka kuhakorera igiteramo, ariko umuririmvyi Dudu T Niyukuri nawe ari mu nararibonye muri uwo Muziki nawe aheruka I Kigali mu bikorwa yari yatumiwemwo vyamaze imisi, ariko Kandi na Fortran nawe nyene akaba aheruka kuhakubitira nawe nyene akaba yari yatumiwe mu bikorwa vyo guhimbaza Imana.