Entertainmenthomepagekirundi

Mb Data yishuye Sat-B yavuze ko umuzo wiwe wamuteye ubwoba

Mb data ngo naho Sat-B aheruka gushikiriza ko yamuteye ubwoba kuko afise uburyo akora busa n’ubugomba gusa n’ubwo we akoresha, ngo ntibimutera kuduza agatuza ngo arakomeye.

 

Mu gihe Sat-B aheruka gushikiriza ko ku bantu bamuteye ubwoba bakiza mu muziki harimwo Mb Data, uwo musore we avuga ko yabiryoherewe kuko uwo muririmvyi ngo ari uwa kera cane.
Mu kiganiro na Izoom uwo muririmvyi Mb Data yavuze ko kuba Sat-B yaravuze ko yari mu bamutera ubwoba ngo yarabiryoherewe ariko ntivyomutera kwumva ko yamaze kugera iyo aja, ahubwo ngo vyamuteye gusubira Kandi kwicisha bugufi kugira asubire Kandi akore ibikomeye.
Aha ni mu gihe Sat-B yavuze ko hampande ya Rally Joe, Mb data ariwe wundi muririmvyi yamuteye ubwoba kuko yarazanywe uburyo bwo kwandika busa n’ubushikira ubwiwe, ariko Kandi ngo yaraciye mu minwe y’uwazanye Sat-b mu Muziki.
Uwo muririmvyi muri ico kiganiro nyene yavuze ko we ku kijanye no kwubaha ngo y’aba umu upcoming artist, y’aba umu Star ngo ntawe araba ribi, ngo bose abubaha kumwe kuko basangiye urubuga rw’umuziki.
Ariko Kandi akaba yatanze ibanga mu bijanye no gushika kure, kuko yavuze ko ngo : ” kira kintu kugira ugishikeko uba waragiteramiye, Kandi kira kintu kugira ukibone nuko uba warakiruhiye.”
Mb data akaba ari umuririmvyi ataravugwako ugushwana canke ukurabana nabi n’abaririmvyi, uretse ko atarabana ryiza n’uwahoze ari Manager wiwe Mugisha Amir, hamwe n’uwahoze amufasha ariwe Dj Paulin.
Uwo mugabo akaba yanaboneyeho akaryo ko guhimiriza abantu guhaguruka bakijukira gushira ibikorwa vyabo Kuma Platform agurisha umuziki, kuko ngo we na duke arabasha kuturonka ata nkomanzi.
Aka kamo kakaba gaheruka guterwa n’abandi batandukanye barimwo Berry Music, nawe yavuze ko afise ibikorwa vyiwe ku mbuga zigurisha umuziki, aho yavuze ko nawe nyene ivyo bikorwa bimwinjiriza amafaranga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590