Entertainmenthomepagekirundi

Double jay nubwo bitari mu migambi ajanye n’umuyaga wa Kirungo

Amakuru yagumye acanacanako ku mbuga ngurukanabumenyi kur’uyu wa kane igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2023 yavuga iyirukanwa ry’umwigeme agisibije mu gutwara abagabo b’abandi, Double Jay abikozemwo indirimbo, mubona bizomugirira inyungu iyahe?

 

Mukeshimana Aniella batazira Kirungo ava mu ntara ya Muyinga Commune Butihinda kumakuru ava muriyo ntara ngo nuko yahawe amasaha 24 azobe atakibarizwa muriyo commune akaba yagirizwa n’abagore yuko atwara abagabo babo ndetse agatako akanabiyemerako, nubwo urwandiko rwari rumaze gusohorwa na Musitanteri yahavuye acirwa inkoni ngufi na Buramatari w’intara kuko ivyo yagirizwa bitaratohozwa neza.

Iyo nkuru isa nkuko yatangaje abantu cane kuko vyasa nk’uko bari bashaka kubona uwo mwigeme w’ibirungo uretse rero abantu benshi bagiye baragira ico babivuzeko n’abaririmvyi bamwe bamwe bagiye baragira ico babivuzeko nka Sat-B,Masterland,B Face,…..ndetse n’abandi kandundura rero Double Jay wewe ngo ntivyogenda uko atabiririmvye.
Akaba yanditse agira

ati:”Ndaye nkoze iyindi hits yitwa Kirungo nubwo bitari mu migambi kuri uyu wa Mungu mugatondo kare izoba igeze kuri youtube
Kirungo New hits in town.

Mukubandanya turindiriye iryo Sango nawe urafise nkibi bibazo? Mbega igiye kuvuga kubiki? Iciyumviro camujemwo gute ubwo nyene?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 586