homepagekirundi

N’ibara ku mutemere Ivya Drama T, Double Jay, Kirikou na Bantu Bwoy

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo Mugabo asanzwe nawe afise Label yitwa Bukiv Label, yavuze ko kubona Double Jay, Drama T na kirikou Akili batavuga ko baciye muri Bantu Bwoy bibabaje cane.

Uwo Mugabo asanzwe Ari muri bamwe Drama T yavuga ko bakora nk’umutima, I Buraya yagize ati :” Sinobabesha naje bihora bintsitaza iyo ndavye ukuntu aba basore bose uko ari 4 bahunga kuvuga Bantu Bwoy mu biganiro vyinshi bakora iyo bavuga inzira baciyemwo mu kazi Kabo ba Entertainment.
Tutabeshanye ntinjiye mu mizi y’utuntu twoba tutagenze neza igihe bari musi y’ubwo burongozi bw’iyi Label, ariko nokwemeza ko Bantu Bwoy yabakoreye ibintu vyinshi vyo gushimwa.
Mu Burundi, abaririmvyi barakunze gukomeretsa imitima y’ama Labels, sinzi igituma.”
Ubwo butumwa ntibwabaye akamizwe n’ingoma kuko abatari bake babashije kugira ico babuvuzeko, aho bamwe banavuze ko Bantu Bwoy yakoze amakosa, kuko bari gusigarana ama YouTube yabo bahungu babo, kuko aribo bari babakoze.
Uwitwa niyonkuru yagize Ati :” ivyo biri ku barundi benshi, biragoye ko yemera canke avuga ko kanaka yamufashije, so si wewe gusa ubibona, nta muntu yohakana ko Bantu Bwoy itafashije abo basore, naho hatobura ibitagenze neza.”
Nayo uwitwa Abdoul yavuze ko abansi ba Big Fizzo aribo baciye mu matwi y’aba basore barabafasha kugira uwo muririmvyi Mugani Desire bimugore aboneke nk’umwana mubi.
Yagize Ati :” Burya Dijay Jackson ninde atazi iyo Kirikou yavuye??? Iyo ataba Big Fizzo ubu tuba tuzi Kirikou??? Double Jay yatanguye na Wakali gangster I Gitega imyaka 5 baririmba n’aba Dvj Moses hari uwari yigeze amenya Indirimbo zabo? Qui est Drama t l’etoile Montante. Jewe namumenye muri 2020 alors ko ndi umuntu akurikiranwa hafi umuziki wo mu Burundi cane uko nshoboye, aba rival, abansi ba Big Fizzo baciye muri abo bana mu kubafasha kugira ibere challenge Mugani Desire bitumye benshi bamubona nabi. Uko Ari ko kwose arakwiriye respect et reconnaissance kuko yakoze ibikomeye muri Burundi music Industry.”
Dijay Jackson ntiyatevye kugira ico amubwiye kuko nawe yavuze ko naho Ari umukeba wa Bantu Bwoy, ngo arubaha ivyo Big Fizzo yakoreye abo basore 3 bamuciye mu ntoke. Yagize Ati :” Abdoul ndakunda cane ko ukuri kuvugwa. Bantu Bwoy naho Ari Ari Label duhanganye kw’isoko, ariko ndemera Kandi ndubaha ibintu yakoze. Double Jay yarabaye no muri IKOH Multiservice ariko ntiyamenyekanye cane co kimwe n’uko vyagenze muri Bantu Bwoy. Arya ma Tournées national, Arya ma Collabos, n’ibindi ni ibintu bikomeye Kandi bizimvye. Tuze twemera!”
Naho abashigikira Big Fizzo na Bantu Bwoy babaye benshi, abashigikira abo basore n’abo ntibabuze. Uwabonetse yabaye DJ Mario, n’uwitwa Just Way. DJ Mario yavuze ko ata na kimwe babakoreye, kuko ngo nta n’ikinga bakuye muri iyo Label igihe basesera.
Yagize Ati :” Ibiki bakorewe? Bivuge kugira abantu bose babimenye. Kw’ata Numwe yahakuye n’ikinga?”
Nawe bamusamiye hejuru, aho umuririmvyi Willy Sirabahenda benshi Bazi nka Willy Etoile du Centre yavuze ko bidakunda ko umuntu agenda ataco akuye ahantu, kuko harimwo n’abahakuye izina, Kandi izina Ari ikintu gikomeye cane.
Dijay Jackson nawe afata mu mugongo Willy agira ati :” DJ Mario, barahakuye ama Brand Name ; ico conyene kirazimvye.”
Ibi Dijay Jackson abigarukanye mu gihe Big Fizzo aheruka kumenyesha mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshemakuru ashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura, ko mu giteramo gihari uno musi muri Gera Plaza, we na Double Jay naho barikumwe Kuri Affiche ngo bataza kuririmbana Indirimbo bakoranye. Ivyo bikaba vyari vyabaye ikibazo gikomeye kuko bataheruka guhurira mu giteramo kimwe, abantu bakaba bari batanguye kwibaza ko bashobora guca baririmbana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 577