Kirungo wa mugore yagirizwa kwiba abagabo, ashobora gutuma Double Jay asubira Kandi ku kinwa ya benshi, kuko hamaze gusabwa gukorana hagati yabo.
Mu gihe twari turindiranye igishika cinshi Indirimbo nshasha ya Double Jay, nkuko yaheruka kuvyemera, kuvaho yumviye Ivya Kirungo, yamenyesheje ko agiye gusohora iyitwa Kirungo Kuri uyu w’Imana.
Abafana bari bamukumbuye bamwakiriye yompi, bati nyarutsa ahubwo wari watunyoteje, ariko abandi babonetse ku zindi mbuga zasangije abazikurikirana Ivya Double Jay na Kirungo, bagirije uwo muririmvyi ko Inspiration zaheze none aciye asimbira Kuri Kirungo.
Muri za Page umukagato wazo zashinzwe kw’izina rya Kirungo, imwe murizo yabwiye Double Jay ko yoraba ntaze amukoze ibara muri iyo ndirimbo yatwenzwe n’abatari bake. Nayo iyindi imugabisha ko aramutse ayisohoye nawe aca yitwara, iyindi nayo ivuga ko badakwiye kumutwenga kuko n’abo vyobabako, nayo iyindi igirako isaba imbabazi ngo abagore batwawe abagabo.
Abandi babonetse n’abo bamusaba ko yoca araba agaca asohora na Video yayo, Kandi ngo umu Video Queen bakaba basavye ko boca baraba akaba Mukeshimana Anniella azwi nka Kirungo.
Naho vyavuzwe uko, uwo muririmvyi ashobora kuba yakoze neza, kuko muri iyi misi 3, nta kindi kivugwa atari iryo zina rya Kirungo, kubera ivyo yagirizwa. Abafana bakaba bavuze ko iyo nkuru ngo yazimije Indirimbo zose Zari zigize imisi zivugwa.
Na wa muririmvyi Drama T yaheruka kuvugwa cane kubera amajambo yavuze kuba Diaspora, bakaba baciye bamwibagira, ubu hakaba hashobora kuba Hagiye kuvugwa Double Jay n’indirimbo Kirungo.
Aha mukemenya ko abagize ico bavuga atari bake, kuko ama memes n’ibicuba ku bakurikinya amakuru twatanze ku musi w’ejo, vyari vyakozwe, ariko Kandi n’abamuhaye I kaze bakaba n’abo bataretse kuboneka.
Double Jay Indirimbo yari yitezweko ikaba atari iyi, kuko yo biboneka ko ngo yamaze gukorerwa amasanamu, harindiriwe ko isohoka gusa.
Double Jay Kandi iyi ndirimbo ikaba izoba ije isanga hari haheze amezi 4 adasohora Indirimbo, kuko iyaheruka gusohora Kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube ari Indirimbo Inzoga n’ibebi imaze kurabwa incuro 948,000, iyi akaba yayikoranye na Bruce Melodie na Kirikou akili. Iyiwe bwite akaba ari Mafaranga yasohoye haraheze umwaka urenga ariko yo ikaba itasohorewe amasanamu.