abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Akeza. Net yaraye iterereye imifuko y’i ciment 50 ku kibuga citiriwe Intwari

Ikinyamakuru gikorera ku mbuga ngurukanabumenyi Akeza. Net kibicishije mu gisata ca Akeza Sports caraye giterereye imufuko y’i ciment 50 mu bikorwa vyo kwubaka ikibuga Intwari .

Mu kiyago gito uwusanzwe arongoye ico kinyamakuru  Landry Mugisha yayaze na Indundi Sports yavuze ko intumbero yabo ( Vision) ari “les beautes de chez nous” bivuga ko ari ikimenyeshamakuru kigerageza kwerekana ibintu vyiza biba mu gihugu c’Uburundi bakabishira imbere kandi bakabishigikira.

 

Photo 📷 : Abakozi ba Akeza bari kumwe n’uwusanzwe abarongoye Landry Mugisha

 

 

Landry Mugisha avuga ko naho bakiri bato  bafise ikimenyeshamakuru gishasha ata mwaka kiramara citwa Akeza Sports gikorera cane mu nkino kiriko kizana  ibintu bitari bisanzwe bimenyerewe mu gihigu c’Uburundi nko gushigikira inkino , gukorana n’abasanzwe batunganya inkino , gukorana n’umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba n’abandi kugirango cerekane yashusho nziza y’igihugu  .

yongeye kandi  aravuga  ko naho ata kintu kinini bafise, igikuru  ari umutima , ari nayo mpamvu bahisemwo guterera bike bafise ari  kumwe n’abakozi biwe baraterera uburyo buke bashoboye baca begeranya  imifuko 50 y’isima .

Yarangije ashimira cane ibindi bimenyeshamakuru cane cane ibikorera ku rubuga ngurukana bumenyi ukuntu biriko biritanga mu kumenyekanisha Uburundi ibice 90%

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 267