Ikinyamakuru gikorera ku mbuga ngurukanabumenyi Akeza. Net kibicishije mu gisata ca Akeza Sports caraye giterereye imufuko y’i ciment 50 mu bikorwa vyo kwubaka ikibuga Intwari .
Mu kiyago gito uwusanzwe arongoye ico kinyamakuru Landry Mugisha yayaze na Indundi Sports yavuze ko intumbero yabo ( Vision) ari “les beautes de chez nous” bivuga ko ari ikimenyeshamakuru kigerageza kwerekana ibintu vyiza biba mu gihugu c’Uburundi bakabishira imbere kandi bakabishigikira.

Landry Mugisha avuga ko naho bakiri bato bafise ikimenyeshamakuru gishasha ata mwaka kiramara citwa Akeza Sports gikorera cane mu nkino kiriko kizana ibintu bitari bisanzwe bimenyerewe mu gihigu c’Uburundi nko gushigikira inkino , gukorana n’abasanzwe batunganya inkino , gukorana n’umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba n’abandi kugirango cerekane yashusho nziza y’igihugu .
yongeye kandi aravuga ko naho ata kintu kinini bafise, igikuru ari umutima , ari nayo mpamvu bahisemwo guterera bike bafise ari kumwe n’abakozi biwe baraterera uburyo buke bashoboye baca begeranya imifuko 50 y’isima .
Yarangije ashimira cane ibindi bimenyeshamakuru cane cane ibikorera ku rubuga ngurukana bumenyi ukuntu biriko biritanga mu kumenyekanisha Uburundi ibice 90%