Mw’ijambo yashikirije inyuma y’ibikorwa rusangi vyabereye ku kibuga citiriwe Intwari , Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye arikumwe n’indongozi zari zaje kwifatanya nawe mu bikorwa rusangi vyo kwubaka ico kibuga, yahamagariye abiyemeje guterera Ko boshotsa masezerano.
Umukuru w’Igisagara ca #Bujumbura Jimmy Hatungimana amenyesha ko hari abaherutse biyemeza guterera mu kwubaka ico kibuga ariko batarabishira mu ngiro. Ati hamwe boba bariko bavyiyemeza kugira bifotoze vyoba bibabaje.
Umukuru w’Igihugu Evariste NDAYISHIMIYE afashe ijambo , yakeje abenegihugu bo mu Gisagara ca Bujumbura ku kuntu bitwararitse ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga. Yateye akamo abarundi bose na cane cane abiyemeje guterera mu kwubaka ico kibuga gushira mu ngiro ivyo biyemeje. Ati hagusezerana ntushitse wopfuma ureka gusezerana. Yashimiye abamaze guterera , amenyesha kandi ko abantu bagiye hamwe hakorwa vyinshi, ubumwe bugatsimbatara, iterambere rigasasagara.
Mwomenya ko kuri wa gatandatu hatanzwe intererano y’imifuko y’isima irenga 2800 kugira ibikorwa bigende neza.