Ya Post ya Kaya Free yavugwamwo ivyaha vy’agacamutwe vyagirizwa DJ Paulin, birimwo kudandaza Ibiyayuramutwe yanyitse nk’umuco itara rizimye.
Ukubitiye ku rubuga rwa Facebook rwa Kaya Free wa muririmvyi w’umurundi agize imisi ashinze icumu Kuri Dj Paulin amwagiriza amabi menshi arimwo ubusuma ukwivanga n’ibindi, ivyo yari yarahiye ko adashobora guhanagura Kuri Facebook, vyaburiwe irengero.
Uwo muririmvyi abarizwa muri Canada, yari yahanuwe n’umumenyeshamakuru Cubahiro Pacifique ko yohanagura ivyo yanditse kuko ari amajambo y’agacamutwe, Kandi bifise ingaruka haba kuwuvyanditsweko, abamwegereye n’umuryango, ariko uwo Musore ararahira ko adashobora kubikurako kuko ari ukuri kuzima, akaba kandi yari yanemeje ko afise ivyemezo vy’ivyo amwagiriza.
Uwo muririmvyi Kandi yari yanabwiye DJ Jackson yari yasavye ko iyo ntambara yo hagarara, cane cane ko ari n’ibitaraba Entertainment vyoreka gushirwa ku mugaragaro, noneho we yishura ko ariho bagitangura Kandi ko ivyo ariko avuga vyose bikiri muri Entertainment.
Imbere Yuko iyo Post izimangana ikaburirwa irengero, uwo muririmvyi yabanje guhindura ivyiyumviro buke buke kuko yari yabanje gukuramwo bimwe mu vyaha yari yamwagirije, ariko hagumamwo ibindi, noneho iyo Post yose ibona kubura.
Nta wuzi rero icabaye, nimba uwo muririmvyi yoba yari yihenze mu kwandika Iyo Post, nimba yasanze uwo Mugabo DJ Paulin ari umwere muri ivyo vyaha yagirizwa, nimba yahavuye agondozwa n’abamwegereye, canke nimba hari inguvu za DJ Paulin zahavuye zikora kugira uwo muririmvyi ahanagure ivyo yari yamwagirije.
Mukamenya ko DJ Paulin yaheruka kumenyesha ko we adateze guhagarika ivyo ariko arakora kuko bariko baramuvuga, kuko uruvugo we ngo yararumenyereye. Nayo Kaya Free naho asa n’uwamugize umwere Kuri bimwe, ariko ubusuma bwo buracanwagira Imbere yiwe.