Ivyananiye aba Legend ngo bikozwe n’umwana muto cane, Drama T. Ivyo n’ivyo vyashikirijwe n’ababonye icashikirijwe n’uwo muririmvyi aho bavuga ivy’ifungugwa rya Baouden.
Amafaranga 400,000 fbu, angana na 100$ n’iyo mafaranga yarishwe na Drama T kugira umuririmvyi Baouden yari mu gasho kubera ukumena ikiyo c’imodoka y’abandi, arekurwe.
Intandaro y’irihwa ry’ayo mahera, ni Simbizi Idriss yanditse Kuri Facebook ko umuziki utaratera Imbere, ngo kuko habuze uwufasha uwo muririmvyi gusohoka uburoko.
Haheze akanya, uwo musore wa Tausi yahavuye yandika ko ayo mafaranga 100$ yemeye kuyatanga. Abantu baba bihaye commentaire y’iyo Post ya Simbizi.
Bamwe bati mbega bamwe biyita aba Legend bari hehe? Abandi bati urakoze ivyananiye ba Legend, uwundi ngo urerekanye umutima mwiza muri iyo Industry musical. Abandi ngo ntivyari bikwiye ko babivugira ahabona, ariko abandi bishura ko ayasabiwe Kuri Internet ngo atangirwa aho nyene.
Na DJ Jackson nawe yabivuzeko ko Drama t yemeye gufunguza mugenziwe Baouden, abiherekezesha Screenshot y’uburyo yavyemeye.
Idriss nawe ntiyabuzemwo kuko yaciye amuha isango mu gatondo ko bahurira Kuri commune gihosha ngo harihwe ayo mafaranga.
Ntiyabashije kuboneka Ari kwi Komine gusohoza uwo muririmvyi, ariko Idriss Simbizi yabonetse asangira urukanywa na mugenziwe, avuga ko yaciye aja kumuha pole kuko yasohotse agasho.
Iyo nyifato ya Idriss yo kuja kumuha Inzoga mu gatondo ntiyakiriwe neza n’abagize ico bavuga kuri iyo Post yiwe, kuko bamwe bavuze ko uwo Musore Baouden ubu aca amena umutwe uwo Mugabo Idriss.
Ubu rero akaba yidegemvya ku bufasha bwa Drama T, naho hari abandi bahavuye bashaka kugira ico batanze kugira uwo musore asohoke agasho.
Mukamenya ko wa mu Promoter wa Big Fizzo ariwe Yassin, yari yasavye ko uburyo biriko bukoreshwa mu kugwanya Big Fizzo Ngo bwokoreshwa ikintu kizima gituma Baouden asohorwa mu buroko.