Entertainmenthomepagekirundi

Bwa bundi ngo Si Drama T yatanze amahera yo gukura Baouden mu gasho

Drama T mw’ijoro ryo ku musi wa Kabiri, imbere gato yuko amakuru amenyekana ko buca aja kurekuza umuririmvyi Baouden, ngo bwabundi yari yagiye kumuraba aho yarafungiwe.

 

Uwo muririmvyi wa ITamporize, yavuze ko kutamurekuza ngo yari guhava abibazwa n’Imana, nkuko mu kiyago bagiranye na Juste Gael vyumvikanye.
Nayo ngo uwatanze ayo mafaranga yo gusohoza uwo muririmvyi yazira ikiyo c’imodoka yamenye, ngo Si Drama T, ahubwo ni Heri, kuko ariwe afise uwo Mutima w’urukundo. Ku batabizi iryo zina Heri rikaba ariryo ryiwe ry’ukuri rya Drama T.
Uwo muririmvyi Baouden akaba yashimiye abamubaye hafi, cane cane Drama T yamurekuje, ariko akidogera abaririmvyi batanguranye bavuga ko bafise amahera ariko batashimye Kuza kumuraba mu buroko aho yarafungiwe.
Mu vyashikirijwe mu kiganiro Drama T yakoreshejwe ku gahato na Juste Gael Kuri Youtube y’umukubito, ngo ayo mafaranga 400,000 n’amafaranga ashobora gukoresha mu mwanya muto, Kandi hari uwundi yari gukura mu kibazo.
Ayo mafaranga nyene nkuko vyashikirijwe na Juste Gael, ngo n’amafaranga aguze ibirato 3 vy’uwo muririmvyi Drama T, hampande y’ibitari bike asanzwe atunze.
Drama t akaba yasabiwe imihezagiro n’uwo muririmvyi Baouden, Kandi akanavuga ko agiye kwikebuka ngo agabanye Inzoga, kuko zimukoresha amakosa.
Mukamenya ko iyo Imana itavugira muri Drama T ngo amurekuzeyo Kuri uwu wa gatatu, ngo Dossier yiwe yari yahejeje gukorwa, yari guca ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho yobaye ararindiririye ko amahera aboneka akariha Ivya sezari.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590