Natacha Ngendabanka azwiko gufata neza abafana biwe, asubiye Kandi gukora ibitangaza aho yari yuriye bus iva mu gisagara yerekeza ku Mutakura.
Uwo muririmvyikazi w’umurundi yakiranywe akanyamuneza kenshi n’abafana bari muri iyo bus, abatari bake bavuga ko vy’ukuri batari bwabashe kubonana na Natacha imbonankubone, uretse no kugendera mu ngendeshwa imwe.
Nkuko vy’ama Natacha yagize ico akora, aho yarihiye amafaranga yo kwiyunguruza, abari muri iyo bus bose, Kandi yongerako anabagabira amahera 10,000 ku muntu.
Uwo muririmvyikazi yanahavuye anatanga na Promotion ku Bantu bose bafise ama bus n’ama Taxis, ko hagize uwumenyekana ko yashizeko FOTO ya Natacha canke Logos yiwe ku modoka ngo azohabwa 1,000,000 w’amafaranga y’amarundi.
Ibibazo vyabaye vyinshi noneho habazwa abadafise imodoka n’abo uko bazohava bahiganwa. Natacha yabwiye abagabo co kimwe n’abagore badafise Imodoka ngo nibicapa izina ryiwe Kuri vya bihimba biterekanwa ngo nabo bazoheza bahabwe uwo Miliyoni ku wabikoze.
Hampande yo Kubabwira ko azokwemera ari uko abonye agafoto, yababwiye ko umusi wa nyuma w’iryo higanwa ari igenekerezo rya 1/5. Ariko ngo amahigwe ashobora gutwengera abandi noneho bakanongerwa imisi.
Mu babashije kwumvikana muri Video yafashwe na Star tv, abagore bamwe bumvikanye bavuga ko ayo mafaranga bategerezwa kuyahiganirwa, kuko banatwaye na numero za Manager wa Natacha, kugira aze arungikirwe za Photo mu gihe bazoba bahejeje kwicapako rya Zina rya Natacha.
Ibi rero bikaba bitoroshe, ariko Kandi bikaba bishobora guteranya abantu cane cane abubakanya mu gihe hari umwe yohitamwo kumwiyandikako atabigiye inama na mugenziwe.
Naho biri uko, hari abagore Natacha muri iyo bus yemereye kuzofasha akabaha umutahe, kugira bikunde babashe kwiteza imbere, kuko bamushikirije icipfuzo Cabo c’ugukenera umutahe kugira babashe kwiyungunganya.
Mukamenya ko Natacha Atari irya mbere abasha gutanga amafaranga ku bafana, kuko akatari gake akunze guha amafaranga abafana baba biyanditseko izina ryiwe, canke baba bafise akandi kantu kamuraba baba bakoze kakamuryohera.